Agashimwe kitiriwe Komla Dumor mu 2020: BBC irondera umunyamakuru w'icitegererezo mu mwuga wo kumenyesha amakuru ku mugabane wa Afrika

Komla Dumor

BBC iriko irondera umumenyeshamakuru w'icitegerezo mu mwuga wo kumenyesha amakuru ku mugabane wa Afrika ibicishije ku gashimwe kitiriwe Komla Dumor

Uwo muhisi yahoze akorera BBC mu gisata c'amakuru bita World News, iri higanwa rikaba riba uko umwaka uheze, iry'uno mwaka rikaba rigira 6.

Abamenyeshamakuru bo ku mugabane wa Afrika baratumiwe guhiganirwa ako gashimwe, gafise intumbero yo kwerekana no guteza imbere abafise ingabire zidasanzwe bari kuri uyo mugabane.

Uwuzogatsindira azomara amezi 3 ku biro bikuru vya BBC i London, aho azoronkera ubundi bumenyi hamwe n'ibijanye no kuba inararibonye mu mwuga.

Italiki 16 z'ukwezi kwa 3 isaha zitanu n'iminuta 59 z'ijoro ku masaha mpuzamakungu, niho kwakira amadosiye bizohagarara.

Ako gashimwe kashizweho mu ntumbero yo kwibuka Komla Dumor, umumenyeshamakuru adasanzwe yari afise amavuko mu gihugu ca Ghana yavuga kw'iradiyo akongera akaba ashikiriza amakuru mu gisata ca BBC bita World News, yitavye imana giturumbuka afise imyaka 41 mu 2014.

Uyu mwaka ibirori vyo gutanguza ako gashimwe bizotangurizwa mu gisagara co muri Afrika y'epfo ca Johannesburg.

Ako gashimwe kazohabwa umunyamakuru atuye akongera akaba akorera muri Afrika, yerekana ubumenyi bujanye n'umwuga wo kumenyesha amakuru, mu kuvuga kw'iradiyo hamwe n'ubuhinga mu gushikiriza amakuru, yo ku mugabane wa Afrika, harimwo kuba afise ugushaka n'ubushobozi bwo kuba umuntu agomba kumenyekana muri kazoza.

Mugihe azomara i London, uwuzotsindira ako gashimwe azoronka akaryo ko gutembera ku mugabane wa Afrika gukora inkuru - hanyuma inkuru yiwe izovuga ku mugabane wa Afrika no kw'isi yose.

Abamaze gutsindira ako gashimwe

2015: Nancy Kacungira wo muri Uganda

2016: Didi Akinyelure wo muri Nigeria

2017: Amina Yuguda wo muri Nigeria

2018: Waihiga Mwaura wo muri Kenya

2019: Solomon Serwanjja wo muri Uganda

Mu mwaka uheze uwatsindiye ako gashimwe, Solomon Serwanjja, yashikirije inkuru ari muri Kenya mu gisagara ca Nairobi, yerekeye abantu bagerageza kuzana akayaga keza mu gisagara.

Yavuze ati: ''Gutsindira ako gashimwe vyagize akamaro kuri jewe, haba ku bijanye n'umwuga mbere no ku giti canje.

''Gukorana na bagenzi banje batsindiye agashimwe kitiriwe Komla, gushobora guhindura iyandikwa ry' inkuru ku mugabane wa Afrika, nciye ku rubuga runini mu gushikiriza amakuru yo kuri uyo mugabane, nkoresheje inzira itanga iyindi shusho kuri uyo mugabane, kabaye agateka kadasanzwe."

Serwanjja azoza mu birori vyo gutanguza iryo higanwa muri uyu mwaka w'i 2020 muri Johannesbourg kandi azoba ari mu baremresha ikiganiro c'igisata ca BBC bita Focus on Africa radio.

Ico kiganiro kizokwihweza nimba muri kazoza ubutunzi bw'umugabane wa Afrika bushobora gukomeza butera imbere atahindagurika ry'ibihe rihabaye.

Muri ivyo birori igisata ca BBC bita BBC News kizogendera amakaminuza yo muri Afrika y'epfo akomeye harimwo Kaminuza yo muri Mafiking bita North West University, Kaminuza yitwa University of Cape Town iri mu ntara y'uburengero, Kaminuza ya Pretoria hamwe na Kaminuza ya Johannesburg muri Gauteng.

Izo ngendo zifise intumbero yo kwereka abamenyeshamakuru ibikorwa vya Komla Dumor, akababera icitegerezo gituma bashima kwihata kugira baze baronke agashimwe nk'ako.

Umuyobozi w'igisata ca BBC bita World Service ariwe Jamie Angus, yagize ati: ''Ndanezerewe cane no kubona abamenyeshamakuru bose bagize uruhara mu gashimwe kitiriwe umumenyeshamakuru wa BBC Komla Dumor.

"Kubera umwe wese abandanya ico Komala yadusigiye mu gushikiriza amakuru abantu besnhi yo kumugabane wa Afrika ukurikije ibihe uyu mugabane ugezemwo.

"Buri mwaka, twama twiteze umumenyeshamakuru wundi atsindira ako gashimwe, kugira twumve ingene babona uyo mugabane twongere dusangire nabo uwizera n'ukudahengama biranga BBC - hamwe n'amabanga ngederwako afise uruhara rudasanzwe mu ntwaro rusangi."