Hosni Mubarak yahoze arongoye Misiri yaryamiye ukuboko kw'abagabo

Hosni Mubarak yabaye umukuru w'igihugu ca Misiri mu kiringo c'imyaka 30 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hosni Mubarak yabaye umukuru w'igihugu ca Misiri mu kiringo c'imyaka 30

Uwahoze arongoye igihugu ca Misiri Hosni Mubarak yakuwe ku butegetsi n'igisirikare mu 2011 yaryamiye ukuboko kw'abagabo afise imyaka 91.

Mubarak yatwaye igihugu imyaka 30 aza gukurwa ku butegetsi mu myiyerekano y'abanyagihugu mu Misiri muri rwa rukurikirane rw'imyiyerekano yarangwa mu bihugu vy'abarabu.

Mu nyuma yaraciriwe urubanza aho yagirijwe kugira uruhara mu bwicanyi bwakorewe abari mu myiyerekano yo kumwiyamiriza, urubanza rwahavuye rufutwa, nawe ararekurwa mu 2017.

Urupfu rwiwe ruhejeje gutangazwa na televiziyo y'igihugu . Imbere y'aho, ikinyamakuru gikorera ku mbuga ngurukanabumenyi Al-Watan cari camenyesheje ko yapfiriye mu bitaro vya gisirikare.

Mubarak yaheruka kubagwa mu kwa mbere uno mwaka. Ku wa gatandatu uheze, umuhungu wiwe Alaa yari yamenyesheje ko se wiwe yariko aravurirwa mu ndembe.

Mubarak yavutse mu 1928, akaba yinjiye igisirikare akiri umuyabaga akaba yagiye kugira uruhara rukomeye mu ntambara yo mu 1973 hagati y'Abarabu n'igihugu ca Isirayeli.

Yabaye umukuru w'igihugu mu kw'icumi 1981 inyuma y'urupfu rwa Perezida Anwar Sadat.

Yaragize kandi uruhara rukomeye mu biganiro vy'amahoro hagati ya Palestina na Isirayeli.

Ku butegetsi bwiwe, igisirikare ca Misiri caronswe amamiliyaridi menshi y'amadorari, ariko ubushomeri, ubukene hamwe n'ukurya igiturire vyarasasiwe indava.

Mu kwa mbere 2011, niho abanyagihugu batangura kwerekana agashavu kabo mu myiyerekano, inyuma y'iyari ihejeje kuba mu gihugu kibanyi ca Tuniziya yatumye umukuru w'ico gihugu akurwa ku butegetsi.

Inyuma y'iminsi 18 gusa iyo myiyerekano itanguye, Mubaraka yategetswe gutanga imihoho.

Haciye umwaka umwe gusa Mubarak akuwe ku butegetsi, Mohamed Morsi, umunyapolitike yagendera ku matwara y'idini rya Isilamu, yatsinze amatora ya mbere y'umukuru w'igihugu.

Na we nyene yahavuye akurwa ku butegetsi n'igisirikare mu 2013 aca asandaba mu 2019 mu gihe yari akiri mw'ibohero.

Muri ico gihe, Mubarak yari yaciriwe umunyororo w'ubuzima bwiwe bwose ku rupfu rw'abantu 900 bari mu myiyerekano mu 2011 bishwe n'abajejwe umutekano.

Ivyo vyaha vyahavuye bihanagurwa maze Mubarak ararekurwa mu 2017.

Ibindi bisa n’ibi