Koreya ya Ruguru yagerageje 'ibisasu vya misire bibiri ubwa mbere muri uno mwaka'

misire

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Igisasu ca misire giherutse kugeragezwa na Koreya ya Ruguru

Koreya ya Ruguru yateye ibisasu bibiri vya misire bitaramenyekana neza ivyo ari vyo, nk'uko bimenyeshwa n'igisirikare ca Koreya y'Epfo, mu gisa n'igerageza ry'ibirwanisho rya mbere ribaye uno mwaka.

Nta bintu vyinshi bizwi kuri ivyo bisasu vyatewe, uretse ko vyatewe biva amaja mu buraruko biterwa mu kiyaga c'Ubuyapani (Mer du Japon), kizwi nk'ikiyaga c'Ubuseruko.

Mu kwa gatanu kw'umwaka uheze, Koreya ya Ruguru yaragerageje misire za mbeye inyuma y'amezi 18 yari aheze hari agahengwe.

Uko iminsi yagenda, niko n'izindi misire zagenda zigeragezwa.

Muri kahise, Koreya ya Ruguru yamye igerageza ibisasu vya misire iyo ici ryegereje.

Abategetsi ba gisirikare ba Koreya y'Epfo basohoye itangazo, aho bavuga ko "igisirikare kibandanya gikurikiranira hagufi nimba hari ibindi bisasu vyoterwa kandi citegurira guhangana n'icoza gihungabanya umutekano w'igihugu".

Ivyo bisasu bitewe haciye imini mikeya Koreya y'Epfo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika bitangaje ko vyigije inyuma imyimenyerezo bisanzwe bikorera hamwe buri mwaka isanzwe itabonwa ryiza na Koreya ya Ruguru, kubera ubwoba bwa wa mugera ruhonyabantu, coronavirus.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Leif Eric-Easley, umwigisha kuri kaminuza ya Ewha i Seoul muri Koreya y'Epfo, avuga ko "Koreya ya Ruguru ishatse kwerekana ko izobandanya iha igisirikare ubukomezi buzoyituma isaba ibitagenda".

Mu ntango z'uno mwaka, umukuru w'igihugu ca Koreya ya Ruguru Kim Jong-un yatangaje ko agahengwe yari yatanze igiye kugahagarika igasubira kugerageza ibisasu, inyuma y'aho ibiganiro hagati y'ico gihugu na Amerika bihagaritswe ataco bishitseko.

Kim Jong-un yaragabishije ko isi ishobora "kwibonera ubwayo igisasu gishasha ruhonyanganda … mu minsi mike iri imbere".

Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano yarabujije Koreya ya Ruguru kugerageza ibisasu vya misire birasa kure. Imbere y'aho yari yagerageje misire zavugwa ko zishobora gushika ku butaka bwa Amerika.

Ibiganiro hagati ya Amerika na Koreya ya Ruguru ku mugambi w'iki gihugu wo guhingura ubutare bw'ubumara vyarahagaze.

Perezida wa Amerika Donald Trump aheruka kubonana na Kim Jong-un mu kwa gatandatu 2019 ku mupaka uhuza Koreya y'Epfo n'iya Ruguru.

Mu mwaka uheze, Koreya ya Ruguru yaragerageje ibisasu bitari bike, mu caboneka ko kwari ugushaka kugondoza Leta Zunze Ubumwe za Amerika ngo zikubite agashi zemere ivyo izisaba.

Hagati aho, Washington yaranse gukura ibihano yafatiye ico gihugu, ishimangira ahubwo ko gitegerezwa kubanza guheba burundu umugambi waco w'uguhingura ubutare bw'ubumara.