Coronavirus: Abanyamahanga bane bari binjiye bashizwe ukwabo muri Uganda

Abinjira bose bategerezwa gupimwa ubushuye

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Abinjira bose bategerezwa gupimwa ubushuye

Abantu bane b'abanyamahanga bari binjiye muri Uganda bashizwe ukwabo mu bitaro vya Entebbe bamaze kwerekana ibimenyetso vy'ibicurane n'inkorora, nk'uko bimenyeshwa n'umushikiranganji w'amagara y'abantu w'ico gihugu.

Bwana Emmanuel Ainebyoona, umushikiranganji w'amagara y'abantu muri Uganda, ntiyamenyesheje ibihugu bavamwo, ariko avuga ko babonetse bururutse ku kibuga c'indege ca Entebbe.

Ikinyamakuru Daily Monitor gisubiramwo amajambo yiwe aho avuga ati: "Ibipimo vy'amasaro vyabo vyashikanywe mu kigo ca Uganda kijejwe ubushakashatsi ku bijanye n'imigera (UVRI). Turaza kumenyesha abanyagihugu ivyo twabonye".

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu busaba abanyagihugu kuguma batekanye, bagakurikiza amategeko ajanye n'ukwikingira uwo mugera wa coronavirus.

Umumenyeshamakuru wa BBC muri Uganda avuga ko umushikiranganji w'amagara y'abantu muri ico gihugu yategetse ko abanyamahanga bose bava mu bihugu birangwamwo umugera wa corona bashirwa ukwabo mu kiringo c'iminsi 14.

Abantu hafi 90.000 nibo bamaze kumenyekana ko banduye umugera wa corona mu bihugu 57 kw'isi, mu gihe abarenga 3000 bamaze gupfa, nk'uko bimenyeshwa n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu, OMS/WHO.

Mu gihe ibitigiri vy'abandura bigenda bigabanuka mu Bushinwa, mu bindi bihugu hoho bigenda vyiyongera.

Mu bamaze kwicwa n'uwo mugera, abarenga ibice 90% ni abo mu ntara ya Hubei yo mu Bushinwa wadutsemwo ubwa mbere mu mwaka uheze.

Ibihugu bindi birenga 10 bimaze kumenyesha ko uwo mugera umaze guhitana abantu, muri vyo harimwo Irani imaze kubura abarenga 50, hamwe n'Ubutaliyano bumaze kubura abarenga 30.

Muri Afrika, ibihugu vya Algeria imaze kubonekamwo batatu, Misiri na Nigeria, nivyo bimaze kumenyekana ko vyinjiranywe.