Pasitori mukuru w'urusengero muri Koreya y’Epfo yasavye imbabazi kubera ikwiragira rya Coronavirus

Lee Man-hee niwe pasitori mukuru w'urusengero Shincheonji Church of Jesus akaba ari nawe yarutanguje

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Lee Man-hee niwe pasitori mukuru w'urusengero Shincheonji Church of Jesus akaba ari nawe yarutanguje

Pasitori mukuru w'urusengero rwabaye intandaro y'umugera wa coronavirus muri Koreya y'Epfo yasavye imbabazi igihugu ku ruhara yagize mw'ikwiragira ryawo.

Lee Man-hee arongoye ishengero Shincheonji Church of Jesus yapfukamye arasaba imbabazi mu kiganiro n'abanyamakuru.

Ibice vyababa 60% mu bantu barenga 4000 banduye uwo mugera muri ico gihugu ni abanywanyi b'urwo rusengero.

Uno munsi ku wa mbere, Koreya y'Epfo - igihugu kivugwamwo uwo mugera ku mubagane wa Aziya inyuma y'Ubushinwa - yatangaje abandi bantu 476 bashasha banduye, bituma igitigiri c'abandi bashika ku 4.212.

Abashikirizamanza basavye ko Bwana Lee akorwako amatohoza ku rwangara rukomeye yoba yaragize bituma uwo mugera ukwiragira hose.

Uyo mupasitori w'imyaka 88 ati: "N'aho atariyo ntumbero twari dufise, abantu benshi baranduye. Twarakoze uko dushobora kwose, ariko vyaranse".

Muri abo bantu banduye, 3081 bava mu gisagara ca Daegu kiri mu bumanuko bushira ubuseruko, kandi muri abo, ibice 73% bose bafitaniye isano n'urwo rusengero ruri hafi y'aho.

Ku mugwa mukuru Seoul, umukuru w'igisagara yasavye abanyagihugu baba muri ico gisagara kirimwo abantu imiliyoni 10 gukorera muhira kandi bakirinda ibibanza bihuriramwo abantu benshi.

Kubera iki urwo rusengero Shincheonji Church of Jesus rutungwa agatoki?

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Abanywanyi b'urwo rusengero bazwi ko bandukiranije mbere baragenda no hagati mu gihugu banduza n'abandi atawubaciye n'ikanda.

Urwo rusengero rwagirizwa ko rwanyegeje amazina y'abanywanyi barwo, bituma bigorana kurondera aboba baranduye.

Hagati aho, umuvugizi w'urwo rusengero Kim Shin-chang yabwiye BBC ko bari bahaye abategetsi urutonde rw'abakirisu babo, abanyeshure hamwe n'inyubakwa.

Bwana Kim ati: "Twari twatinye gutanga izi ntonde kubera twatinyirira umutekano w'abanywanyi bacu".

Bwana Lee abwira abantu ko ari we muzo wa kabiri wa Yesu/Yezu, akiyita ko "ari wa mu pasitori bemererwa" yanditswe muri Bibiliya ko azoza gutora abantu 144.000 akagenda abatwaye mw'ijuru.

Bwana Kim yabwiye BBC ko muri Koreya y'Epfo, urwo rusengero Shincheonji Church of Jesus rufatwa nk'akarwi kiyonkoye haba mu gihugu cane mu bakirisu, ari naco gituma barushira ku ruhande, bakaruhohotera canke bakarutyoza.

Abantu hafi 90.000 nibo bamaze kumenyekana ko banduye umugera wa corona mu bihugu 57 kw'isi, mu gihe abarenga 3000 bamaze gupfa, nk'uko bimenyeshwa n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu, OMS/WHO.