Coronavirus-Afrika: ibitigiri vy’abanduye bigenda vyiyongera muri Algeria na Senegal

Algeria yatangaje ko abantu icenda banduye ku munsi umwe, bose bava mu muryango umwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Algeria yatangaje ko abantu icenda banduye ku munsi umwe, bose bava mu muryango umwe

Igitigiri c'abamenyekanye ko banduye wa mugera ruhonyabanyu wa coronavirus muri Algeria caraye kiduze gushika kuri 17 muri iri joro ryakeye ku wa gatatu, mu gihe Senegal nayo itangaza ko abantu bantu babiri bawanduye bakaba baheruka i Bulaya.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Algeria atangaza ko abantu icenda bo mu muryango umwe baba mu karere ka Blida mu buraruko bw'ico gihugu ku birometero 30 uvuye ku mugwa mukuri Alger, basanze baranduye.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters ritangaza ko mu kwezi guheze uyo muryango wari wakiriye incuti zabo z'Abafaransa bapimwe bagasanga baranduye bamaze gusubira mu Bufaransa.

Nayo muri Senegal umushikiranganji w'amagara y'abantu avuga ko hari abandi babiri banduye ejo ku wa gatatu, gutyo igitigiri c'abanduye muri ico gihugu gica gishika kuri bane.

Umwe mu batangajwe ko banduye ni umwongerezakazi afise imyaka 33 yinjiye ku mugwa mukuru w'ico gihugu, Dakar, ku wa 24 z'ukwa kabiri avuye i Londres.

Uwa kabiri ni umufaransakazi w'imyaka 68 yinjiye ku wa 29 z'ukwa kabiri. Hirya y'ejo ku wa kabiri, umugabo wiwe yari yapimwe basanga yaranduye.

Abo bantu babiri bashasha banduye barwarijwe mu bitaro, aho bivugwa ko amagara yabo atabangamiwe.

Muri Afrika, igitigiri c'abamaze kumenyekana ko banduye coronavirus gishitse kuri 26: Algeria 17, Senegal bane, Misiri babiri, Maroc, Nigeria na Tuniziya umwe umwe.