Uganda: Abamenyeshamakuru basaba irekurwa rya mugenzi wabo yafashe ireresi ya Bobi Wine

Moses Bwayo yahagaritswe kubera yakoze ireresi y'indirimbo ya Bobi Wine

Ahavuye isanamu, observerug/Twitter

Insiguro y'isanamu,

Moses Bwayo yahagaritswe kubera yakoze ireresi y'indirimbo ya Bobi Wine

Abamenyeshamakuru bo muri Uganda basaba abategetsi kurekura mugenzi wabo apfunzwe kubera yakoze ireresi y'umunyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi, Bobi Wine.

Umunyamakuru Moses Bwayo yahagaritswe n'igipolisi kiri kumwe n'igisirikare mu ndwi iheze yagirizwa ko yari mu nama itemewe n'amategeko.

Mu gihe akirindiriye urubanza, aracapfunzwe n'aho ico yagirizwa ari icaha umuntu ashobora kuburana yidegemvya.

Itangazo ryasohowe n'ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru ba Uganda bakorera ibinyamakuru vyo hanze, rivuga ko abategetsi batofata ko ari icaha kubamenyeshamakuru gushikiriza amakuru ku batavuga rumwe n'ubutegetsi.

Abaharanira agateka ka muntu bavuga ko Perezida Yoweri Museveni w'ico gihugu, amaze imyaka 34 ku butegetsi, abandanya arushirizaho guhohotera abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe hamwe n'abamenyeshamakuru.

Moses Bwayo, yahagaritswe inyuma y'aho ateguriye ireresi y'indirimbo ya Bobi Wine, mu nyuma ararekurwa atanze ingwati, ariko akaba yasubiriye gufatwa arapfungwa.