Burundi: Umurwi CENI wongereje ikiringo co kwuzuza amadosiye ku bajenama ba komine

Bitegekanijwe ko ku wa 20/05/2020 hazoba amatora y'umukuru w'igihugu, y'abashingamateka n'ayo abahanuzi b'amakomine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Bitegekanijwe ko ku wa 20/05/2020 hazoba amatora y'umukuru w'igihugu, y'abashingamateka n'ayo abahanuzi b'amakomine

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi, CENI, wongereje ikiringo c'iminsi ku batanga ibikenewe mu mirwi ijejwe amatora ku rwego rw'intara, CEPI, ku bazoba bashaka kwitoza kuba mu bajenama b'amakomine.

Ivyo biri mw'itangazo ryashikirijwe n'umuvugizi w'uyo murwi, Philippe Nzobonariba, aho amenyesha ko hari abo vyagoye kuronka ibisabwa mumadosiye bategerezwa gutanga.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwari bwasavye abajejwe intwaro kworohereza abarondera impapuro zisabwa kuri abo bantu bashaka kwitoza mu matora ategekanijwe ku wa 20 z'ukwa gatanu mu 2020.

Kuri uno wa 05 z'uku kwa gatatu, niwo wari umunsi wa nyuma watanzwe n'uwo murwi kugira ngo abashaka kwitoza mu kiringo c'abajenama b'amakomine bazobe bashikirije abaserukira uwo murwi ku rwego rw'intara (CEPI).

Philippe Nzobonariba amenyesha ko uwo murwi wasanze hari abo vyagoye kuronka "ibisabwa mu mwanya wategekanijwe kandi benshi bakaba barasavye kworoherezwa mu kubongera akandi kanya ngo bisuganye".

Nzobonariba yavuze ati: "Umurwi CENI ujejwe gutunganya amatora wagomba gushikiriza y'uko ikiringo co gushikana amadosiye mu bigo vy'intara -CEPI-, kubagomba kwitoza mu bajenama b'amakomine, congerejwe gushika ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 10/03/2020".

Italiki 05 z'ukwa gatatu 2020, nico kiringo kandi cari cahawe abashaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ko baba bashikanye ibisabwa mu murwi CENI , ariko bobo ikiringo ntaco yakivuzeko gishasha.

Ku ruhande rw'abashaka kwitoreza ikibanza c'ubushingamateka, umunsi wa nyuma wo gushikana ibisabwa mu murwi CENI ni ku wa 10 z'ukwa gatatu.

Ku wa 12 z'ukwezi kwa kabiri, umushikiranganji w'intwaro yo hagati w'u Burundi Pascal Barandagiye, yabwiye abamenyeshamakuru ko hari abidoga bavuga ko hari abategetsi bananiza ababituye babasaba impapuro zikenewe.

Umushikiranganji Barandagiye yasavye ko "ata muntu yitoza yobura impapuro, na cane cane izisabwa mu makomine".