Kenya -Somalia: ibibazo hagati y'ivyo bihugu bibiri vyoba vyarangiriye kuri terefone?

Igisirikare ca Somalia caratanye mu mitwe n'ingabo za Jubbaland ku rubibe isangiye na Kenya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Igisirikare ca Somalia caratanye mu mitwe n'ingabo za Jubbaland ku rubibe isangiye na Kenya

Abantu baharurwa mu majana barataye izabo mu karere ka Mandera kari mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya hafi y'urubibe na Somalia, bivuye ku mishamirano yajabutse imbibe.

Ingabo za Somalia zaratanye mu mitwe n'ingabo z'akarere ka Bula Hawa muri ico gihugu, mu ntambara zarenze imipaka zigashika muri Kenya mu karere ka Mandera.

Vyatumye haba icuka kibi, umukuru w'igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta agabisha Somalia ko itobandanya ivogera ubusugire bwa Kenya, akagiriza ingabo za Somalia ko zajabutse zikaja kurwanira ku butaka bw'ico gihugu.

Haraciye indwi kandi Somalia yagirije Kenya ko yivanga mu bibazo vya Somalia, inagabisha Kenya ko yoreka kuvogera uturere turi ku rubibe ivyo bihugu bisangiye.

Kenya yarabihakanye ikavuga ko "ari ibirego bidafise ishingiro kandi ataco bivuze".

Ku munsi wa kane, niho Perezida Kenyatta na mugenziwe wa Somalia Mohamed Abdullahi "Farmaajo" bayaga kuri terefone kugira ngo bavugane ingene ico cuka kibi cohava.

Abo bategetsi bompi bumvikanye gukorera hamwe kugira ngo bakomeze umutekano ku rubibe ibihugu vyabo bisangiye, banashinga komite zibiri ziri ku mpande zompi kugira ngo bige ingene bonakomeza umubano n'ubucuruzi.

None ako gahengwe kazobandanya?

Dr Hassan Khannenje, arongoye ikigo cigisha ubuhinga, Horn International Institute of Strategic Studies, kiri ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairobi, avuga ko n'aho bavuganye, ako gahengwe kadashobora kumara igihe kinini.

Ahavuye isanamu, ANADOLU AGENCY

Insiguro y'isanamu,

Abategetsi ba Somalia na Kenya, Mohamed Abdullahi "Farmaajo" (i bubamfu) na Uhuru Kenyatta ( i buryo) bumvikanye gutora umuti w'icuka kibi hagati y'vyo bihugu bibiri

Avuga ko ivyo biva ku kutumvikana hagati y'ivyo bihugu bibiri ku rubibe rwo mw'ibahari bisanzwe bipfa kuva kera.

Abona kandi ko n'ibibazo nkoramutima vya politike, harimwo n'ica wa muhari urwanya ubutegetsi bwa Somalia, Al-Shabaab, bitariko biratorerwa umuti ubu bwa vuba.

Ni mu gihe kandi icuka kibi kibandanya cibonekeza ku rubibe ivyo bihugu bihana, aho ingabo zavyo ricunganye ku kajisho. None ivyo bihugu bipfa iki?

Urubibe rwo mw'ibahari Indiyano

Haraciye igihe kitari gito Kenya na Somalia bihanganye, aho bipfa akarere kari mw'ibahari ya Indiyano (Océan Indien) karimwo igitoro cinshi, igihugu kimwe kimwe cose kikavuga ko ako karere ari akaco.

Ivyo bihugu vyompi vyarananiwe no kwumvikana ku buryo vyabaye ngombwa ko ikibazo gishirwa imbere ya Sentare Mpuzamakungu, Bwana Mohamed akavuga ko ariyo izoca urwo rubanza.

Kenya yoyo siko ibibona kuko ku bwayo, ibiganiro nivyo vyotanga inyishu nyayo.

Vyitezwe ko iyo sentare izofata ingingo mu kwa gatandatu kw'uyu mwaka.

Uruhagarara rwa politike

Uruhagarara rwa politike kandi urangwa muri Somalia rwaragize uruhara mu cuka kibi cibonekeje hagati y'ivyo bihugu vyompi.

Mu gihe ico gihugu kiri mu ruhagarara kuva mu 1991 inyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi bwa Jaalle Mohamed Siad Barre, leta ya Mogadishu yarananiwe no gushikana ubutegetsi mu ntara z'ico gihugu zisa n'izitwara.

Umuhari Al-Shabaab ufitaniye ubucuti na Al-Qaeda, ugafatwa nk'umurwi w'iterabwoba nawo nyene ubandanya ubica bigacika mu burere butari buke bwo mu gihugu hagati.

Kenya ni kimwe mu bihugu vyarungitse ingabo gufasha kugarukana amahoro n'umutekano muri ico gihugu, mu rwego rwa AMISOM isanzwe ifasha leta kurwanya uwo muhari.

Hagati aho, Al-Shabaab ibandanya ikora ibitero haba hagati muri Somalia eka no mu bihugu bibanyi, harimwo na Kenya.

Leta ya Somalia iragirizwa ko itakaza umwanya iterana amajambo n'amaleta y'intara za Jubbaland, Puntland, Galmudug, hamwe na leta y'intara y'Ubumanuko bushira Uburengero, aho kwitaho ikibazo nyamukuru c'umuhari Al-Shabaab.

None Kenya iri ku ruhande rwa nde?

Kenya ishigikiye ubutegetsi bwa Ahmed Mohamed Islam azwi cane kw'izina rya "Madobe" muri Jubbaland, ku nyungu z'umutekano wayo.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Kenya ishigikiye ubutegetsi bwa Ahmed "Madobe" muri Jubbaland

Ingabo za Kenya ziri muri iyo ntara ya Jubbaland hamwe n'iza Ethiopia, Kenya igafata ko iyo ntara bisangiye urubibe rw'ibirometero 700 ishobora kuyiba icumbi mu kurwanya uwo muhari.

Mu mwaka uheze, Bwana Madobe yarashigikiwe na Kenya mu matora y'umukuru w'iyo ntara yahavuye atsinda, ibitashimishije Perezida Mohamed na Ethiopia.

Kenya ihaye indaro uwuronderwa na Somalia

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Ibiherutse kubera mu karere ka Mandera vyaje nk'inkurikizi y'icuka kibi kiri hagati y'ivyo bihugu.

Hari haciye igihe Somalia yagirije Kenya ko ariyo ihaye indaro umushikiranganji w'umutekano w'intara ya Jubbaland, Abdirashid Janan Hassan Abdinur, avugwa ko yatorotse ava mw'ibohero yari apfungiwemwo i Mogadishu ku wa 28 z'ukwa mbere.

Uyo mushikiranganji yari amaze amezi ane apfunzwe arindiriye urubanza, yagirizwa ko yakoze ivyaha vy'uguhonyanga agateka ka zina muntu hamwe n'ubwicanyi bw'agahomerabunwa mu ntara ya Gedo muri Somalia.

Nico catumye muri iyi ndwi nyene, leta ya Somalia irungika ingabo ku rubibe hafi ya Mandera muri Kenya, ahikekwa ko uyo mushikiranganji yoba yari yinyegeje.

Ivyo vyaratumye umurwi witwaje ibirwanisho ushigikiye uyo mushikiranganji hamwe n'ingabo za Jubbaland basekana birakomera.

Muri kino gihe, inyuma y'aho abakuru b'ivyo bihugu vyompi bayagiye kuri terefone, ibintu bisa n'ibimeze neza.

Hagati aho, nta kintu na kimwe cerekana nimba ico kiyago carashoboye gutorera umuti ibibazo vyose nkoramutima biri hagati y'ivyo bihugu bibanyi.