Ronaldinho abandanya apfunzwe muri Paraguay yagirizwa gukoresha impapuro za magendo

Ronaldinho (hagati) na mwenewabo Roberto Assis (yambaye agapira k'ubururu) batawe muri yopmi hirya y'ejo ku wa gatanu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ronaldinho (hagati) na mwenewabo Roberto Assis (yambaye agapira k'ubururu) batawe muri yopmi hirya y'ejo ku wa gatanu

Ronaldinho yahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Brezili hamwe na mwenewabo ejo ku wa gatandatu bahavuye barengukishwa imbere ya sentare bagirizwa ko binjiye muri Paraguay bakoreshejeje impapuro za magendo.

Abashikirizamanza bavuga ko Ronaldinho na mwenewabo bahawe impapuro za magendo mu gihe bari bashitse ku mugwa mukuru w'ico gihugu Asuncion ku wa gatatu.

Abo bagabo babiri batawe muri yopmi ku wa gatanu, haciye amasaha makeya umucamanza yanse igisabo c'umushikirizamanza yari yasavye ko bohabwa ikindi gihano.

Uyo mushikirizamanza yasa n'uwubavugira, aho yabwiye sentare ko abo bagabo bavukana bahenzwe. Nabo nyene barahakana ivyo bagirizwa.

Muri sentare ejo ku wa gatandatu ku mugwa mukuru Asuncion, umucamanza yategetse ko Ronaldinho na mwene wabo Roberto Assis, bashirwa mw'ibohero mu kurindira ku urubanza rucibwa.

Ahavuye isanamu, FISCALIA PARAGUAY/ FACEBOOK

Insiguro y'isanamu,

Isanamu y'indangamuntu ya Paraguay yerekanye n'abategetsi b'ico gihugu iriko izina rya Ronaldo ariko ifoto ikaba ari iya Ronaldinho

Mu kw'indwi 2019, bivugwa ko uyo mukinyi yafatiwe impapuro z'inzira za Brezili na Espanye ahorwa ko hari amakori atari yarishe, hamwe n'amande yari yaciwe kubera inzu yubatse bidaciye mu mategeko.

Ku wa gatatu, umushikiranganji w'ubutegetsi bw'igihugu, Euclides Acevedo, yabwiye ibinyamakuru vyo muri Paraguay ati:

"Ndubaha igihagararo n'ingene akundwa n'abantu benshi muvyo inkino, ariko itegeko ritegerezwa kwubahirizwa. Itegeko ritegerezwa gukurikizwa, ata kuraba ngo uri uyu canke uriya".

Ronaldinho w'imyaka 39 yari yagiye muri ico gihugu ca Paraguay mu ntumbero yo kumenyekanisha igitabo no mw'isekekeza ryo gufasha abana bantahonikora.

Mu 2004 na 2005, Ronaldinho yaratsindiye ikibanza c'umukinyi wa mbere kw'isi mu gihe yakinira umurwi Barcelona wo muri Espanye.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Mw'ihinganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru c'isi mu 2002, Ronaldinho yari ahejeje kwinjiza igitsindo igihe Brezili yakina n'u Bwongereza

Mu 2002, yatsindiye igikombe c'isi c'umupira w'amaguru catwawe na Brezili, ari kumwe n'ibihangange bagenziwe Ronaldo na Rivaldo.

Umutungo wa Ronaldinho uharurwa hagati y'imiliyoni 100 na 130 y'amadolari y'abanyamerika, mu gihe bivugwa ko iyo hagize uwukoresha izina ryiwe incuro imwe gusa ku rubuga rwa Instagram ategerezwa kumuriha hafi ibihumbi 195 vy'amadolari y'abanyamerika.