Umuliyaridi w’amaterefone ya Android ashobora guterwa n'inkozi z'ikibi

Hari telefone za Android zimwe zimwe zitagishobora gushirwa ku gihe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Hari telefone za Android zimwe zimwe zitagishobora gushirwa ku gihe

Telefone ngendanwa za Android zirenga umuliyaridi zirashobora guterwa na bwa busuma bwo ku buhinga nrgurukanabumenyi kubera zitari ku gihe, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ry'abaguzi WHICH.

Iyo ngorane ishobora gutuma abakoresha izo telephone kw'isi yose ibintu vyabo bafise canke bakorera kuri izo telephone vyibwa, canke bakabeshwa ngo batange amahera , canke nazo zigaterwa imigera.

Umuntu wese yoba akoresha telefone yakozwe mu 2012 canke imbere y'aho yategerezwa kugira amakenga, nk'uko iryo shirahamwe ribivuga.

Inyishu itangwa na kompanyi Google ariyo mwene Android ntihumuriza iryo shirahamwe.

Iyo kompanyi rutura mu bijanye n'ubuhinga bwa none ntiyashatse kugira ico ivuze ku bibazo vyabajijwe na BBC.

Ibiharuro bitangwa na Google vyerekana ko ibice 42.1% vy'abantu bakoresha Android kw'isi bafise Android 6.0 canke musi yayo.

Nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru gitanga amakuru yerekeye umutekano wa Android, mu 2019 nta buryo bwatanzwe bwo gukingira umutekano wa Android buri musi ya 7.0.

Ryisunze ayo makuru, iryo shirahamwe ribona ko babiri kuri batanu basanzwe bakoresha Android kw'isi bitabashobokera ko telefone zabo bazishira ku gihe (mise a jour).

Iryo shirahamwe ryarapimye telefone imwe imwe y'ubwoko butanu bukirikira:

  • Motorola X
  • Samsung Galaxy A5
  • Sony Xperia Z2
  • LG/Google Nexus 5
  • Samsung Galaxy S6

WHICH yasavye kompanyi ihingura logiciels zirwanya imigera (antivirus) , AV Comparatives, ko yozitera imigera - kandi yarabishoboye kuri zose, mbere bituma zimwe muri zo zifatwa n'iyindi ivuye ahandi.

Iryo shirahamwe ryaciye rishikiriza ico kibazo Google ariko nayo "ntiyashoboye guhumuriza ko yoba ifise integuro ya hafi yo gufasha abakoresha telephone za kera".

Womenya gute ko telephone yawe ishobora guhura n'ibibazo?

Ahavuye isanamu, SAMSUNG

Insiguro y'isanamu,

Samsung Galaxy S6 yasohotse mu 2015

  • Nimba telephone yawe imaze ikiringo c'imyaka ibiri, raba neza nimba ishobora gushirwa ku gihe (mise a jour). Nimba ukoresha Android iri musi ya 7.0 Nougat, gerageza uyishire ku gihe uciye muri iyi nzira: Paramètres> Système>Mise à jour avancée du système (canke Settings> System>Advanced System update ku bakoresha icongereza)
  • Nimba bidakunda ko uyishira ku gihe, telefone yawe irashobora guterwa n'abasuma, cane cane nimba ukoresha Android 4 cane musi yayo. Wirinde kurondera ama apps atari muri Google Store Apps.
  • Mwirinde kandi ubutumwa bugufi SMS canke MMS mutizeye.
  • Hanyuma kugira ngo ntimutakaze ibintu vyanyu biri kuri telephone, bibike ahandi hantu (akarorero nko ku nyabwonko, canke ku rufunguruzo [Flash disk])
  • Rondera antivirus ya telephone uyishire muri ngendanwa yawe, ariko ntiwibagire ko ku matelefone ya kera ivyo bishobora kudakunda.