Coronavirus: Togo nayo yatangaje umurwayi wa mbere

A passenger"s body temperature is being tested at the gate of entry upon arrival at the Murtala International Airport in Lagos

Ahavuye isanamu, AFP

Igihugu ca Togo kimenyesha ko hari umuntu wa mbere yapimwe agasanga yaranduye umugera ruhonyabantu, coronavirus.

Mw'itangazo yasohoye nijoro, leta y'ico gihugu imenyesha ko uyo murwanyi ari umukenyezi asanzwe aba ku mugwa mukuru Lome n'umuryango wiwe.

Rivuga ko uyo mukenyezi w'imyaka 42 yafashwe inyuma y'ingendo yakoze mu bihugu vya Benin, Ubudagi, Ubufaransa naTurukiya hagati y'amagenekerezo ya 22 z'ukwa kabiri na 02 z'uku kwa gatatu.

Togo rero igize umunani mu bihugu vyo ku mugabane wa Afrika bimaze guterwa n'uwo mugera, inyuma ya Nigeria, Senegal, Misiri, Algeria, Tuniziya, Afrika y'Epfo na Cameroon.

Gushika ubu, ibihugu birenga 80 biramaze guterwa n'uwo mugera watanguriye mu gisagara ca Wuhan c'intara ya Hubei mu Bushinwa.

Ishami ry'ishirahamwe ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS, ritangaza ko ubu abamaze kwandura uwo mugera hafi 100.000, nayo abarenga 3000 bakaba bamaze kuhasiga ubuzima, benshi bakaba ari abo mu Bushinwa.

Ku mugabane wa Bulaya, igihugu c'u Butaliyano nico kibangamiwe gusumba, aho abashika 4600 bamaze kuwandura, nayo abamaze gupfa bakaba bageze kuri 197.

Abategetsi b'ico gihugu bavuga ko mu masaha 24 gusa aheze abantu 49 aribo bapfuye bishwe n'uwo mugera.

Nayo mu Bwongereza aho abantu 164 bamaze kuwandura, umuntu agira kabiri akaba yaraye apfuye yishwe na coronavirus.