Burundi-CVR: 'Ibintu turiko turabona biteye akoba', Uprona iti 'ntavyo tubazwa'

Umurwi CVR uvuga ko ibinogo uriko uratora ku mutumba Mashitsi no mu micungararo vyaho ari binini cane

Ahavuye isanamu, @burundi_cvr

Insiguro y'isanamu,

Umurwi CVR uvuga ko ibinogo uriko uratora ku mutumba Mashitsi no mu micungararo vyaho ari binini cane

Umurwi ujejwe kumenya ukuri n'ukurekuriranira mu Burundi CVR, uriko urimba ibindi binogo bine vyahambwemwo abagandaguwe mu 1972, ku mutumba Mashitsi, hafi y'ikigo IRAZ gikora ubushakashatsi mu bijanye n'uburimyi n'ubworozi muri komine Giheta y'intara ya Gitega.

Ni inyuma y'iminsi itari mike uwo murwi wari umaze ukora ico gikorwa ku mutumba wa Bukirasazi uri ku ruzi Ruvubu, muri komine Shombo y'intara ya Karusi.

Mu minsi itatu bamaze bakorera kuri uwo mutumba, Bwana Ndayicariye avuga ko bamaze gutora ibisigarira vy'abishwe vyinshi cane bibandanya bitorwa mu binogo binini cane, bisa n'ibitandukanye n'ivyo batoye ku Ruvubu.

Mu gihe hari ababona ko umugambwe UPRONA wari wiganje ku butegetsi igihe ubwo bwicanyi bwaba ari wo wateguye ukanashira mu ngiro ubwo bwicanyi, Bwana Gaston Sindimwo, yimirije kwitoza ku giti c'umukuru w'igihugu aserukira uwo mugambwe, avuga ko atari wo ukwiye kububazwa.

Umurwi CVR watanguye ico gikorwa ku mutumba Mashitsi ku munsi wa kane, igikorwa cari citabwe n'abategetsi batari bake harimwo n'abashingamateka batowe muri iyo ntara, abarongoye intara za Gitega, Muramvya na Mwaro.

Avugana na BBC, umukuru wa CVR Pierre-Claver Ndayicariye amenyesha ko bahawe amakuru n'ivyabona ko kuri uwo mutumba, mbere no mu micungararo yawo hariho ibinogo binini cane, vyimbwe n'amamashini, vyatawemwo abishwe mu bwicanyi bwa 1972.

Ahavuye isanamu, @burundi_cvr

Insiguro y'isanamu,

Pierre-Claver Ndayicariye arongoye umurwi CVR avuga ko igitigiri c'ibinogo bari bamaze guharura kizorenga cane

Ati: "Ivyo natwe twaravyibonene ko vyari binini cane kandi birebire kuko kugira ngo dutangure gushikira ibisigarira vy'abishwe twarinze kuzana imashini bita 'buldozer', ariko ku Ruvubu dufuruye gatoya gusa twaca dutangura kubona amagufa, impuzu n'ibindi bisigarira tumaze kwimba nka sentimetero 50 gusa".

Ivyo vyabona kandi vyabwiye uwo murwi ko abenshi mu bahambwe muri ivyo binogo bategekwa kwitamwo umwe umwe bagikomeye, hanyuma babonye igitigiri kimaze kuba kinini bagaca bafurira.

Hampande y'uwo mutumba wa Mashitsi, umurwi CVR wareretswe n'ibindi binogo biri mu mitumba ya Nyabunyovu, na Mutobo ihana urubibe n'uwo mutumba uri kw'ibarabara riva ku mugwa mukuru wa politike Gitega rija mu ntara ya Ngozi.

Uprona ikwiye kubazwa ubwicanyi bwabaye muri kahise ?

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Kuri ivyo bikorwa biriko bikorwa n'umugwi ujejwe kunywanisha abarundi no kurekuriranira, CVR, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, Gaston Sindimwo, avuga ko umugambwe Uprona udakwiye kubazwa ubwicanyi bwabaye muri kahise.

Ku bwa Gaston Sindimwo ari nawe azoserukira umugambwe Uprona mu matora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe mu kwa gatanu, "Icaha gikwiye guharugwa ku muntu".

Mu kiganiro yahaye BBC, Bwana Sindimwo avuga ko umwigisha akaba n'umwanditsi wa kahise Emile Mworoha, igihe yatwara urwaruka ruhurikiye mu mugambwe Uprona, JRR, yanditse urwete yiyamiriza ubwicanyi bwariko buraba ico gihe.

Hagati aho, Bwana Sindimwo avugako ata numwe akwiye gutinya uyo mugwi kugira ukuri ku bibazo vyashikiye u Burundi kuzomenyekane.

Umugambwe Uprona wari wiganje ku butegetsi kuva u Burundi bwikukira mu 1962 gushika 1993.

Uraregwa ko wagize uruhara mu bwicanyi bwabaye muri ico gihe cose, ubuzwi cane bukaba ari ubwo mu 1972 igihe Abahutu ibihumbi n'ibihumbi bagandagurwa.

Mu bisigarira biriko biraronderwa n'umugwi w'igihugu ujejwe ukuri n'ukurekuriranira, harimwo ivy'abagandaguwe muri bwo bwicanyi bwabaye muri uwo mwaka.

Umurwi CVR washinzwe mu 2014 kugira ngo urondere ukuri ku mabi yagiye arakorwa kuva mu 1885, igihe abakoloni batanguriye kwinjira mu Burundi, gushika mu 2008 igihe umurwi wa nyuma wari ukiri mw'ishamba ushiriye ibirwanisho hasi.

Gushika ubu, uvuga ko umaze guharura ibinogo rusangi 4,163 vyahambwemwo abagandaguwe mu bwicanyi butandukanye. Hagati aho, CVR yiteze ko ico gitigiri kizorenga cane kuko aho bagiye hose bama baronka amakuru mashasha.