Birukanywe muri Amerika, ubu bari mu kangaratete muri Sierra Leone

Saren Idaho na Prince Latoya
Insiguro y'isanamu,

Saren Idaho (i bubamfu) na Prince Latoya bamaze ikiringo c'amezi atanu mu gasho k'igipolisi ku mugwa mukuru wa Sierra Leone

Saren Idaho avuga ko ata kintu na kimwe azi kuri Sierra Leone, kandi ko atari bwigere aba muri ico gihugu imbere y'uko atwarwayo ku nguvu yirukanywe muri Amerika, haraciye amezi atandatu.

Uyo mugabo w'imyaka 55 se w'abana babiri yidoga avuga ati: "Jewe nta muntu n'umwe nzi hano".

Aboneka ko yacitse intege, vyanka n'uko atambuka, yari yicaye ku gatebe ka plastike mu cumba c'ihoteri atako cari cifashe ku mugwa mukuru Freetown. Carimwo n'ibisigarira vy'itabi vyari mu gakono abanywi b'itabi batamwo umunyota.

Ariko aha hoho vyopfuma gusumba mu gaho k'igipolisi, aho yaryama kw'isima "mu bihere, mu mbeba n'inyenzi" mu mezi atanu yari amaze mu gasho i Freetown.

Prince Latoya w'imyaka 47 yirukanywe hamwe nawe kandi mu ndege, na we nyene akaba agowe rumwe na mugenziwe.

Abo bagabo bompi, batari bwigere babonana imbere y'uko bajanwa muri Sierra Leone, bari bamaze igihe kirekire baba muri Amerika. Hagati aho, bavuga ko bamuka mu mazinga ya Karayibe, ivyo abategetsi ba Amerika batemera.

Idaho na Latoya birukanywe muri Amerika mu kwezi kw'umunani umwaka uheze, bari kumwe n'abandi 17 b'abanya Sierra Leone, bakaba bari mu bandi bakomoka muri Afrika y'Uburengero bagirizwa gukora ivyaha muri Amerika.

Ibintu vyarangiye birukanywe muri Amerika batwarwa ku nguvu muri Sierra Leone, inyuma y'aho abakozi b'ibiro vy'ubuserukizi bw'iki gihugu baterewe igitsure n'abategetsi ba Amerika, nk'uko bivugwa na Isha Sillah, arongoye igisata kijejwe ibibazo vya Amerika na Pasifike mu bushikiranganji bw'imigenderanire.

Avuga ko igisata kijejwe ingenzi muri Amerika cashikirije impapuro ibiro vy'ubuserukizi bwa Sierra Leone "zasa n'izavuga" ko abo bagabo bompi bava muri sierra Leone.

Insiguro y'isanamu,

Aba bagabo babiri baba mw'ihoteri ku mugwa mukuru wa Sierra Leone

Ata n'uko babanje kuzihweza, ibiro vy'ubuserukizi vyaciye bibaha umwe umwe impapuro zibategeka gufata urugendo.

Abakozi bo muri ubwo buserukizi bamubwiye ko "ivyatumye babaha izo mpapuro ari igitsure batewe n'ubunyamabanga bwa leta bujejwe imigenderanire hamwe n'ubujejwe umutekano mu gihugu muri amerika" bubategeka kwemera ko abo bagabo ari abanya Sierra Leone.

Latoya, avuga ko yamuka mu mazinga ya Bahamas, yabwiye BBC ati: "Leta ya Sierra Leone ni nk'ivyitso vy'Abanyamerika".

Idaho afitiye ishavu ryinshi abategetsi ba Amerika.

Ati: "Amerika yateguye impapuro za magendo kugira ngo indungike hano, igashaka kunyemeza ko kino ari co gihugu canje c'amamuko, mu gihe jewe nzi ko ntavukiye hano".

"Jewe mva muri Commonwealth of Dominica. None nk'ubu nzosubira muri Amerika gute?".

'Dominica iramwihakana'

Ico kibazo cabaye ngorabahizi hagati y'abategetsi.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwarabajije ubuserukizi bw'ivyo bihugu bibiri vyo mu mazinga ya Karayibe i Washington nimba bwemeza ko abo bantu bavukiye muri ivyo bihugu.

Umupfasoni Sillah ati: "Ubuserukizi bwa Dominica bwarahakanye ko Idaho atari umunyagihugu wabo, mu gihe ubuserukizi bw'amazinga ya Bahamas buvuga ko bukeneye kuronka izindi nkaratasi z'ivyemezo kugira ngo bufate ingingo".

Muri kino gihe, abo bagabo ntibagira ayo bacira n'ayo bamira aho bari mw'ihoteri.

Ahavuye isanamu, Mowanda Idaho

Insiguro y'isanamu,

Idaho yafotoje ari kumwe n'abana biwe haciye imyaka 10, asaba gusubirana n'umuryango

Nyene ihoteri, Osman Kamara, avuga ko abo bagabo bazanywe n'igipolisi kinabatangira n'amahera yo kuriha uburaro bwabo, ariko ayo yaraheze. Niho haboneka umugiraneza atashatse kwivuga yaciye abarihira kugira ngo ntibirukanwe.

Yarongeye kandi abarihira n'imfungurwa hamwe n'ivyambarwa.

Imbere y'aho, umwe umwe yaronswa amadorari 2.50 y'abanyamerika kugira ngo babeho ku munsi ku munsi, bakavuga ko ico bashobora kugura muri ayo mahera zari imfungurwa n'icupa ry'amazi gusa.

Latoya ati: "Aha tubaye ng'aha tudafungura, tutavurwa, ni ukuvuga ata kintu na kimwe!"

Batakaje ibibaranga

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Abo bagabo bahora barungikirwa udufaranga n'imiryango yabo ibicishije muri Western Union. Ariko kubera impapuro z'inzira bahawe na Sierra Leone zataye igihe, ubu ntibashobora gutora utwo dufaranga kubera ata bibaranga bafise".

Idaho avuga ko yari amaze imyaka 28 muri Amerika imbere y'uko afatwa agapfungwa mu 2018 yagirizwa ko yariko agendesha imodoka yaborewe.

Yaratakaje ivyangombwa vyose. Avuga ko vyari mu nzu yahavuye ifatwa na banki inyuma y'aho ananiriwe no kuriha ideni kubera yari apfunzwe.

Yabwiye BBC ati: "Ivyo nari ntunze vyose, harimwo n'ikarata y'amavuko, vyugaraniwe mu kabati ahantu inyuma y'aho inzu ifatiwe".

Umugore wiwe bari bamaranye imyaka 17, Mowanda Idaho, hamwe n'abana biwe babiri bafise imyaka 14 na 11, ubu baba muri leta ya Caroline du Nord muri Amerika.

Umupfasoni wa Idaho, umunyamerikakazi, yavuze kuri telefone ati: "Ni ingorane zikomeye kuri jewe n'abahungu banje babiri, umukuru w'imyaka 14 wewe yahahamutse mbere no kw'ishure vyanse".

Aheruka kumubona ubwa nyuma "mu kiringo c'iminota itanu" amaze gushikanwa mw'ibohero mu kwa kane kwa 2018.

Yaravuganye n'umwunganirizi mu bujanye n'ingenzi, akaba yamubwiye ko atari bwigere yumva ikibazo c'umugabo wiwe.

Hagati aho, uyo mupfasoni avuga ko ata buryo afise ngo ashobore kurengutsa muri sentare abategetsi bamwirukaniye umugabo.

Latoya wewe yari amaze imyaka 25 aba muri Amerika, akaba yagirijwe ko yivye indangamuntu. Avuga ko ata mugore canke abana afise.

'Bavuga ko bava muri Sierra Leone'

Ariko abategetsi ba Amerika bobo babibona ukundi.

Mu rwandiko rwa Email barungikiye BBC, ubunyamabanga bujejwe umutekano w'igihugu bufata Latoya "nk'umunyamahanga w'inkozi y'ikibi yagirizwa ivyaha vyinshi bitandukanye bijanye no kwiba indangamuntu".

Ahavuye isanamu, Mowanda Idaho

Insiguro y'isanamu,

Mowanda Idaho avuga ko abana bishwe n'akabonge kubera batabona se wabo

Buvuga ko yinjiye mu 1997 bidaciye mu mategeko, kandi ko "incuro nyinshi, Latoya yabwiye igisata kijejwe ingenzi muri Amerika ko yakomoka muri Sierra Leone".

Ico gisata kivuga ko ibiro vy'ubuserukizi bwa Sierra Leone i Washington bwemeje ko ari umwenegihugu wayo.

Latoya arahakana yivuye inyuma ko atigeze na rimwe avuga ko ava muri Sierra Leone.

Ati: "Jewe nta na rimwe nigeze ndababwira ko mva muri Sierra Leone".

"Jewe sinzi iyo babikuye. Ninjiye muri Amerika n'ubwato mvuye i Bahamas. Bambarize ikintu na kimwe cerekana ko noba narigeze mvuga ko mva muri Sierra Leone".

Abategetsi ba Amerika kandi bafata Idaho "nk'umunyamahanga w'inkozi y'ikibi", yinjiye mu gihugu mu 1999, bakongera ko y'uko "yari amaze gupfungwa kenshi kubera yariko agendesha imodokari yaborewe".

Urwo rwandiko rwa Email ruvuga kandi ko Idaho yabwiye ikigo kijejwe ingenzi ko yakomoka muri Sierra Leone.

Idaho yishura ati: "Jewe sinigeze mvuga ko mva muri Sierra Leone, kandi jewe nta vyaha vy'umurengera mfise. Icaha nemera ni kimwe gusa c'aho bigeze kumfata rimwe ritarenga ngendesha umuduga nanyoye".

Nayo ku bivugwa ko abategetsi ba Amerika bateye igitsure ibiro vy'ubuserukizi bwa Sierra Leone kugira ngo ibahe izo nkaratasi z'inzira, ubunyamabanga bw'umutekano burarahira bukarengwa ko butigeze bukora ivyo.

Buvuga ko "kahise kerekana ko Sierra Leone yamye yanka gutanga impapuro z'inzira ku banyagihugu bayo", ari vyo vyatumye mu 2017 ico gihugu gifatirwa ibihano vyo kudahabwa uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu.

Barindiriye impapuro z'inzira

Hagati aho, leta ya Sierra Leone ntiyemera ko abo bantu ari abayo.

Yamye isaba ko abo bantu batwarwa muri Karayibe, ariko kubera ko ata bibaranga bafise vyerekana amamuko yabo, yizeye ko izobashikiriza ikigo mpuzamakungu kijejwe ingenzi (OIM).

Umukuru wa OIM muri Sierra Leone, Sanusi Savage, avuga ko ikigo arongoye kitarigera citurwa kuri ico kibazo. Avuga ko icabaye co nyene ari uko hari abategetsi bo mu bushikiranganji bw'imigenderanire, harimwo n'umushikiranganji ubwiwe, Nabilla Tunis, bamuhamagaye kuri telephone bamusaba ko yofasha.

Yabwiye BBC ati: "Nabemereye ko nofasha mu kubaronsa amatike, ariko ni mu gihe boba bamaze kuronswa impapuro z'inzira kandi n'ibihugu vyabo vyabemeye".

Ariko rero ivyo biri kure nk'ukwezi mu gihe abo bagabo babiri bandanya baba mu kangaratete, bazira impari z'abategetsi.