Coronavirus: Ubutaliyano bwafashe ingingo zo mu bihe bidasanzwe

Mu Butaliyano, ibitigiri vy'abandura n'abicwa na coronavirus bigenda vyiyongera

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Mu Butaliyano, ibitigiri vy'abandura n'abicwa na coronavirus bigenda vyiyongera

Ubutaliyano bwafashe ingingo zo mu bihe bidasanzwe ziraba igihugu cose, harimwo guhagarika uruja n'uruza be n'amakoraniro.

Ejo ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere Giuseppe Conte yategetse abanyagihugu bose kuguma muhira, nayo uwo bizoboneka ko ari ngombwa gusohoka ko azobanza gusaba uruhusha.

Avuga ko izo ngingo zifise intumbero yo gukingira abantu ba magaramake.

Mw'ijambo yashikirije ku mboneshakure, Bwana Conte yavuze ati: "Nta mwanya w'uguta ukiriho".

Ejo ku wa mbere, ibitigiri vy'abamaze guhitanwa n'uwo mugera vyavuye kuri 366 bishika kuri 463. Inyuma y'Ubushinwa, nico gihugu kiza ubugira kabiri mu bibangamiwe cane.

Ibiharuro bitangwa n'ubutegetsi kandi vyerekana ko ibitigiri vy'abanduye vyaduze gushika ku bice 24% kuva ku wa Mungu.

Mu ntara 120 zose z'Ubutaliyano, haramaze kwibonekeza abanduye uwo mugera.

Umushikiranganji wa mbere yavuze iki?

Bwana conte yamenyeshaje ko iciza ari uko abantu boguma imuhira.

Muri iryo jambo ry'ejo ku mugoroba yavuze ati: "Ibitigiri vy'abandura … n'abapfa biriko biriyongera".

"Ubutaliyano bwose bugiye kuba akarere gakingiwe".

"Twese dutegerezwa gukora ku neza y'Ubutaliyano. Dutegerezwa kubikora".

"Ni naco gituma nafashe ingingo zindi zikomeye mu ntumbero y'uguhagarika ikwirakwira ry'uwo mugera…be no gukingira amagara y'abanyagihugu bose".

Ingingo zafashwe

Asigura izo ngingo, Bwana Conte yavuze ati: "Guma muhira. Kuva ubu nta minsi mikuru y'ijoro, ivyo ntibishobora kubandanya kuko niho abantu bandurizanya".

Inkino zose - harimwo n'izo umupira w'amaguru - zirahagaritswe vy'agateganyo. Amashure yaba ay'intango, ayisumbuye na kaminuza azobandanya yugawe gushika kw'igenekerezo rya 03 z'ukwa kane.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Imiryango ifise ababo bapfungiwe mw'ibohero rya Rebibbia i Roma ejo baragumutse bankiwe kwinjira kuraba ababo

Leta ivuga ko abemerewe kuva muhira ari abo bizoboneka ko bafise igikorwa kidashobora gusiba canke ikibazo co mu muryango kidashobora kwigizwa inyuma.

Ingenzi ziyunguruza n'indege zizotegerezwa kubanza kwisigura, co kimwe n'izizoba zinjiye.

Ku bituro vy'itereni, ingenzi zose zitegerezwa gupimwa ubushuhe, mu gihe ubwato bwunguruza abantu bubujijwe guhagarara ku bituro bitandukanye bitari bike.

Abanyagihugu bavyakiriye gute?

Ejo ku wa mbere, hari abapfungwa indwi bapfuye biturutse ku migumuko yadutse mu busho butandukanye mu gihugu cose, inyuma y'aho abategetsi bankiye abaja kuraba abantu babo mu mugambi wo guhagarika ico kiza.

Abantu barenga 111.000 kw'isi yose baramaze kwandura uwo mugera, nayo hafi 3.890 urabahitana.

Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi (OMS/WHO) riragabisha ko uwo mugera ushobora kuba akaranda kw'isi yose.