Burundi: Muri 10 bipfuza guhiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu, bane bankiwe

Bitegekanijwe ko ku wa 20/05/2020 hazoba amatora y'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka n'ay'abahanuzi b'amakomine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Bitegekanijwe ko ku wa 20/05/2020 hazoba amatora y'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka n'ay'abahanuzi b'amakomine

Mu bakandida cumi bari batanze ivya ngombwa kugira ngo baze bitoze mu kibanza c'umukuru w'igihugu w'u Burundi mu matora yimirije, batandatu gusa nibo bemerewe.

Mu bankiwe harimwo Domitien Ndayizeye yahoze ari umukuru w'igihugu mu kiringo mfatakibanza inyuma y'amasezerano y'amahoro ya Arusha mu 2000 yari yatanzwe n'ihuriro KIRA-BURUNDI.

Hankiwe kandi Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL wahoze uramutswa Agathon Rwasa.

Abandi bankiwe ni Anicet Niyonkuru atwara umugambwe CDP, akaba yahoze ari umunyamabanga w'ihuriro CNARED rihurikiyemwo abanyepolitike bahungiye hanze, akaba yari aherutse guhunguka.

Valentin Kavakure yari yatanzwe n'umugambwe FPN-Imboneza na we nyene yankiwe.

Amatora y'umukuru w'igihugu, ategekanijwe kubera umunsi umwe n'ay'abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka, ku wa 20 z'ukwa gatanu uno mwaka.

Mw'itangazo ryasohowe n'umurwi ujejwe gutegura amatora, CENI, umenyesha ko wihweje ivyangombwa vyasabwe abashaka guhiganira ico kibanza, hakurikijwe Ibwirizwa shingiro n'itegeko rigenga amatora.

Abemerewe kwitoreza ico kibanza ni:

  • Evariste Ndayishimiye aserukira umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD;
  • Agathon Rwasa aserukira umugambwe CNL wemerewe mu kwa kabiri kw'umwaka uheze wa 2019;
  • Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu akaba aserukira umugambwe UPRONA;
  • Francis Rohero azokwitoza nk'uwigenga;
  • Dieudonné Nahimana azokwitoza nk'uwigenga;
  • Léonce Ngendakumana aserukira umugambwe Sahwanya-FRODEBU.

Uwo murwi umenyesha ko abo bankiwe bafise uburenganzira bwo kwitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro mu kiringo c'iminsi ibiri kugira ngo ibatunganirize.

Umugambwe CDP umenyesha ko uhava witura umurwi CENI hamwe na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro imbere y'isaha icenda z'umuhingamo mu masaha y' i Burundi.

Umurwi CENI wibutsa abemerewe guhiganwa ko ikiringo c'imyiyamamazo kitaragera.

Iryo tangazo riti: "Ntihagire rero uwuca kubiri n'amategeko ngo atangure kwiyamamaza hataragera. Uwutazovyubahiriza, iryo tegeko nyene rizomufatira ingingo".

Abipfuza kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu bari bahawe ikiringo c'iminsi cumi ngo babe bashikanye ivya ngombwa mu murwi CENI, ni ukuvuga kuva ku wa 25 z'ukwa kabiri gushika ku wa 05 z'uku kwa gatatu.

Umukenyezi umwe yari yatangaje ko yipfuza kuzokwitoza muri ico kibanza, Fidélité Nibigira, ku giti c'umugambwe APDR, ntiyavuzwe mu bari bashikirije ibisabwa n'umurwi CENI.

Kuri uyu wa 10/03, niwo munsi wa nyuma wongewe abipfuza kwitoza mu kibanza c'abajenama b'amakomine, ukaba kandi n'umunsi wa nyuma ku bashaka kwitoza kuba abashingamateka.