Coronavirus: Tanzania ibitigiri vyaduze bafata ingingo nshasha

Umupolisi wa Tanzania ahereza umuntu umuti wo kwisukura mu ntoke

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Umupolisi wa Tanzania ahereza umuntu umuti wo kwisukura mu ntoke

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Tanzania bumenyesha ko hari abandi bantu bashasha 14 banduye umugera wa coronavirus muri ico gihugu.

Abo bantu bose ni abatanzania, 13 muri bo baba mu gisagara ca Dar es Salaam, uyo wundi nawe akaba ari uwo mu gisagara ca Arusha.

Gushika ubu abashika 46 nibo bamaze gutangazwa ko banduye uwo mugera muri ico gihugu.

Mw'itangazo ryasohowe n'ubwo bushikiranganji mu gatondo ko kuri uno wa mbere, bumenyesha ko abo barwayi bose bariko barakurikiranwa n'abaganga.

Iryo tangazo kandi rivuga ko n'abikekwa ko babonanye n'abo bantu bariko barakurikiranirwa hafi.

Uturere tumaze kubonekamwo uwo mugera muri Tanzania ni Dar es Salaam, Zanzibar, Arusha na Mwanza.

Ejo ku wa Mungu, ikigo kijejwe ingendo zo mu kirere (TCAA) camenyesheje ko cahagaritse indege zose zunguruza abantu kwinjira muri ico gihugu.

Itangazo ryasohowe n'ikigo TCAA rimenyesha ko indege zemerewe kwinjira muri ico gihugu ari izitwara ibintu gusa.

Ryongerako riti: "Abadereva n'abandi bakozi bose bo muri izo ndege bazotegerezwa gushirwa mu bibanza vyateguwe na leta vyo gushirwamwo abikekwa ko banduye kandi bakazokwimenya ingene babaho".

Iyo ngingo ifashwe mu gihe leta y'ico gihugu inegurwa n'abahinga batari bake hamwe n'ibimenyeshamakuru mpuzamakungu bimwe bimwe ku kungene ifata ico kiza.

Ingingo ya Perezida John Magufuli yo kutugara ibibanza vy'amasengesho iranegurwa cane muri kino gihe ibihugu vyinshi vyahagaritse amakoraniro harimwo no mu bibanza vy'amasengesho.

Mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y'Ubuseruko, abamaze gutangazwa ko banduye ni batanu mu Burundi,197 muri Kenya, 126 mu Rwanda, bane muri Sudani y'Epfo, hamwe na 54 muri Uganda.