Burundi: Ivyashikirijwe n'abakunzi b'Imvo n'Imvano ku rupfu rwa Prezida Pierre Nkurunziza

Burundi: Ivyashikirijwe n'abakunzi b'Imvo n'Imvano ku rupfu rwa Prezida Pierre Nkurunziza

Ndabahaye bwakeye mwese abateze amatwi ikiganiro Imvo n’Imvano co kuri uno wa gatandatu itariki 13/06/2020, ikiganiro cihariye twabateguriye nyuma y’urupfu rw’umukuru w'igihugu c’u Burundi, Pierre Nkurunziza, rwashitse ku wa mbere itariki 8/06/2020.

Muri kino kiganiro, BBC yahaye akaryo abakunzi b’ikiganiro Imvo n’Imvano ko kugira ico bashikirije ku kuntu bakiriye iyo nkuru y’urupfu rwa Prezida Nkurunziza. Baratubwira ingene babonye uburongozi bwe hamwe n’ico bazomwibukirako.

Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi mugishikirizwa na Robert Patrick Misigaro.