Kenya hatowe ubwoko bushasha bw'umugera utera Covid-19

Kenya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Muri Kenya haharurwa abantu hafi 100.000 bamaze kwandura umugera wa Covid-19

Ubundi bwoko bwa coronavirus bwatowe muri Kenya, nk'uko bigaragazwa n'ivyambere vyavuye mu bushakashatsi buriko burakorwa n'ikigo c'ubushakashatsi mu buvuzi gikorana na reta, Kenya Medical Research Institute,Kemri.

Ubwo bwoko Kenya yisangije, bwari bwatowe mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu ku cigwa cakozwe hagati y'ukwezi kwa gatandatu n'ukwezi kw'icumi, nk'uko vyavuzwe na Kemri.

Hari hagikenewe gukorwa ubundi bushakashatsi kugira hamenyekane ingaruka z'ubwo bwoko bushasha, nk'uko kibandanya kibivuga.

Kenya gushika ubu haharurwa hafi abantu 100.000 bamaze kwandura umugera wa Covid-19 n'abarenga 1.700 iyo ndwara imaze kwica.

Hagati aho bwa bwoko bunyaruka kwandukira cane bwatowe muri Africa y'epfo bumaze gutorwa mu bindi bihugu bitatu vyo muri Africa-Botswana bihana urubibe,Zambia na Gambia muri Africa y'Uburengero, nk'uko bivugwa n'ishami rya ONU riraba amagara kw'isi, OMS.

Ubu Africa imaze kurengana igitigiri c'umuliyoni w'abantu bamaze kwandura uwo mugera, abandura ku munsi akaba ari benshi gusumba umurindi wa mbere, nk'uko OMS ibandanya ivuga.

Muri rusangi abantu bashika 25.223 nibo bavugwa ko bandura ku munsi hagati y'itariki 28 z'ukwezi kwa cumi na kabiri mu 2020 n'itariki 10 z'ukwa mbere uyu mwaka muri Africa, igitigiri kiri kuri 39% hejuru y'icashitse kw'isonga mu ndwi zibiri zo mu kwezi kw'indwi mu 2020, aho abandura bashika 18.104 ku munsi, nk'uko bivugwa na OMS.