Uganda Election 2021: Bariko baraharura amajwi y'amatora

Abantu barenga miliyoni 18 nibo biyandikishije gutora muri Uganda
Hatanguye guharurwa amajwi y'amatora yabaye kuri uyu wa kane muri Uganda mu mutekano wakajijwe cane kuva hasigaye isaha imwe ngo gutora birangire.
Imodoka zzirimwo abasirikare zanyuragiye ku murwa mukuru Kampala, igipolisi naco n'banyagihugu bicungerera umutekano bakaba bariko barakizura.
Mu bibanza bimwe bimwe gutira kwabandanije inyuma y'isaha ico gikorwa categerezwa gugararariko. Amategeko agenga gutora avuga ko abantu bose basanzwe ku mirongo barekuriwe gutora inyuna y'isaha yo guhagarika ico gikorwa.
Amatora muri Uganda 2021: Ibintu bitanu ukeneye kumenya
Prezida Yoweri Museveni amaze imyaka 35 atwara Uganda arondera ikindi kiringo kigira gatandatu c'ubutegetsi.
Museveni w'imyaka 76 ahiganwa n'abandi 10, ukomeye cane muri bo akaba ari Robert Kyagulanyi azwi cane nka Boby Wine, umuririmvyi n'umunyepolitike w'imyaka 38.
Imyiyamamazo yaranzwe n'intureka irimwo n'ubwicanyi vyatose cane cane abatavuga rumwe na reta.

Igikorwa co guharura amatora
Ku munsi w'amatora ariko ahanini nta ngorane z'umutekano zavuzwe.
Ivyavuye mu matora bizomenyeshwa ku wa gatandatu.
Internet n'imbuga hwaniro vyarahagaritswe. N'uburyo bwo guhanahana amafaranga ku buhinga bushasha ntibwakora.