Burundi: Germain Rukuki yasubiye muri sentare asaba kwambikwa izera

Germain Rukuki

Ahavuye isanamu, Germain Rukuki

Urubanza rw'umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi rwavuzwe cane muri iyi myaka rwongeye gusasa mu ntahe yabereye mu gisagara ca Ngozi mu buraruko bw'Uburundi.

Germain Rukuki yakoreye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ACAT Burundi, amaze hafi imyaka itatu aciriwe gupfungwa imyaka 32 ku vyaha vyo guhungabanya umutekano w'igihugu no kugarariza.

Yakatiwe amaze umwaka afashwe mu 2017. We ahakana ivyo yagirizwa agasaba kwambikwa izera.

Mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze urubanza rwiwe sentare gasamburamaza yarusubije mw'iburanishwa.

Rumaze kwemezwa na sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, Germain Rukuki yaciye aja muri gasamburamanza.

Yasanze hari amategeko ajanye n'iburanishwa ry'imanza atari yubahirijwe igihe rwacibwa.

Germain Rukuki yagirizwa iki?

Intahe yo kuri uyu wa gatatu yari iya mbere kuva mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze hasotse ingingo yo gusubira kuburanisha urwi rubanza.

N'ubwo ruri muri sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, urwo rubanza rwa Germain Rukuki rubera i Ngozi kuko ariyo apfungiwe.

Intahe yashotse yinjira mw'ido n'ido ry'urubanza.

Umushikirizamanza yagirije Rukuki: kuja mu bikorwa vy'ubugumutsi, guhungabanya umutekano no gutuma reta itakaza icizere mu bantu mu ntumbero yo kuyitembagaza, mu nkuruma ijanye n'ikiringo ca gatatu c'umuhisi Prezida Pierre Nkurunziza mu 2015.

Ivyo ngo yabicisha mu kubandanya aronka uburyo buvuye mu mahanga bwo gushigikira ibikorwa vy'ubugumutsi.

Rukiki yagirizwa kandi ko yagararije mu kubandanya akorana n'ishirahamwe ACAT mpuzamakungu n'inyuma yaho ishami ryaryo ryo mu Burundi rihagarikiwe mu 2015 mu nyuma rikugarwa burundu mu 2016.

Umushukirizamanza yavuze ko yashimye urubanza rwaciwe ubwa mbere asaba ko igihano c'imyaka 32 n'ibiri cogumizwaho ukoneyene.

'Kwitiranya Rukuki na ACAT'

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Mu ruhande rw'uwuregwa bo baburanye berekana ko inyanduruko y'urwo rubanza ari uko umushikirimanza yagumye yitiranya Germain Rukiki ubwiwe n'ishirahamwe ACAT Burundi yakorera.

Abunganizi mu mategeko ba Germain Rukuki bongeye kwerekana ko umushikirizamanza aguma agaruka kuri ACAT avuga ko yatanze uburyo bwo gushigikira imigumuko, bo bagasanga rero ivyo bitobazwa Germain Rukiki kuko yari umukozi waryo asanzwe.

Bavuga ko hamwe vyoba vyarashitse ACAT igatanga uburyo vyobazwa ryonyene.

Bavuga kandi ko gushika ubu iryo shirahamwe ata rubanza ryigeze rishingishirizwa ngo ryagirwe n'icaha. Basaba ko hokwerekana ibimenyetso vy'uburyo Rukiki we nyene ku giti ciwe yatanze, igihe yabutangiye n'uwo yabuhaye.

Ku caha co kugarariza mu kubandanya akorera ishirahamwe ryahagaritswe, uruhande rw'uwurerwa rurabihakana.

Uretse ko ngo atabandanije akora, ruvuga ko 'n'iyo vyari gushika ico caha kitari kwitwa ''kugararariza''. Ngo kija mu vyo kurenga ku ngingo z'ubutegetsi zihanishwa ihadabu riri hagati y'ibihumbi 5 gushika bihumbi 50 bivanye n'urwego ruba rwafashe iyo ngingo.

Gutyo bagasaba ko Germain Rukiki agirwa umwere.

Urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero, sentare ikabe ifise iminsi 30 kugira isohore urwo yaciye.