Burundi: Radiyo na TV 'zahungiye mu Rwanda' vyahagaritse ibikorwa

RPA, Inzamba, TR Rennaissance

Amaradiyo RPA (Radio Pubique Africaine), Inzamba na Radio-Television Renaissance yatangaje ko kuva uyu kuri wa gatatu yahagaritse imirimo 'ku mvo zitatuvuyeko".

Ivyo binyamakuru bivugwa ko vyakorera mu Rwanda inyuma yo gusamburwa mu Burundi mu nkuruma yakurikiye igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi bw'umuhisi Prezida Pierre Nkurunziza mu 2015.

Inzamba naho itabaho mu Burundi yakoramwo bamwe mu bahora muri radiyo Bonesha FM bahungiye hanze.

Bonesha FM nayo nyene yari yasambuwe ariko iherutse gusubira gushikiriza ibiganiro inyuma y'aho urwego ikuriweko ibihano n'urwego rujejwe gukurikirana ukumenyesha amakuru mu Burundi, CNC.

Uburundi n'Urwanda bigize igihe biri mu biganiro vyo gusubira kwunga imigenderanire myiza yahungabanye kuva mu 2015.

Kimwe mu vyo Uburundi bwasaba Urwanda kugira iyo migenderanire yongere kuba myiza ni ugushikiriza ubutungane bw'Uburundi abarundi bahungiye muri ico gihugu bakurikiranwa ku ruhara mu kugeregeza gutembagaza ubugetetsi mu kwezi kwa gatanu mu 2015.

Reta ya Gitega isaba kandi ko ubutungane bwayo bushikirizwa n'Urwanda abandi buvuga ko bahungiye muri ico gihugu bukurikirana ku ruhara bagize mu bikorwa vy'imigumuko yo mu 2015 nyene.

Muri abo harimwo bamwe mu bakora muri ivyo binyamakuru vyari bisigaye bikorera mu Rwanda.

Insiguro y'amajwi,

Prezida Ndayishimiye: "U Burundi bwakoze ivyo bwasabwe, hasigaye ko u Rwanda rugira uko"