Cote d'Ivoire: Laurent Gbagbo yasubiye kugirwa umwere na ICC

Uwahoze atwara Cote d'Ivoire, Laurent Gbagbo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Laurent Gbagbo yagizwe umwere na ICC nyuma y'imyaka cumi

Igisata c'iyungururizo muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC, cemeje kugirwa umwere kwa Laurent Gbagbo, yahoze atwara Cote d'Ivoire yari yaragirijwe ivyaha bikorewe zina kiremwa muntu.

Bwana Gbagbo niwe mukuru w'igihugu wa mbere yarengutse imbere ya ICC, akaba yarejejwe ivyaha bijanye n'ubwicanyi, bwabaye haraciye imyaka cumi, bwakurikiye amatora muri ico gihugu co mu burengero bwa Afrika.

Ariko ubushinjacaha bwarunguruje kuri iyo ngingo buvuga yuko, naho habaye amakosa mu mburano, kwagirwa n'icaha kwa Bwana Gbagbo kwari kwerekanywe ata gukekeranya.

Bwavuze yuko impapuro zishika ku bihumbi hamwe n'ivyabona 96 vyatanze ubuhamya muri sentare, vyerekanye ko uwo mugabo yagirwa n'icaha.

Bwana Ggagbo w'imyaka 75 ubu yari acumbikiwe mu Bubigiri nyuma yo kwezwa bwa mbere na ICC mu 2019, akaba yizeye guca atahuka muri Cote d'Ivoire mu gihe kwunguruza kw'ubushinjacaha kwabaye ubusa.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abashigikiye Laurent Gbagbo akanyamuneza kari kose igihe icumba c'iyungururizo ca ICC cemanga ko ari umwere

Mu mwaka uheze haradutse itana mu mitwe ryaguyemwo n'abantu, igihe mukeba w'igihe kirekire wa Bwana Gbagbo ari we Alassane Ouattara, yatangaza ko azosubira kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Ubwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2010 bwatanguye igihe Laurent Gbagbo, yari amaze imyaka cumi ku butegetsi, yanka kwemera ko yatsinzwe mu gihe yemenga ko ari we yari yatsinze.

Yaje gufatwa n'inteko za ONU zifatanije n'iz'Ubufaransa, bamusanze mw'ihoteri yari yinyegejemwo we n'umugore wiwe Simone Gbagbo, aca ajanwa i La Haye kuri ICC.