Mozambique: Prezida Nyusi asaba abasirikare mvamakungu kwubaha ubuzima bwa muntu

Abasirikare bo muri Angola, Botswana, Lesotho, Mozambique, Afrika y'epfo na Tanzania ni bo bari mu nteko za gisirikare SADC

Ahavuye isanamu, O Pais

Insiguro y'isanamu,

Abasirikare bo muri Angola, Botswana, Lesotho, Mozambique, Afrika y'epfo na Tanzania ni bo bari mu nteko za gisirikare za SADC

Umukuru w'igihugu ca Mozambique yahamagariye inteko zo mu bihugu bitandukanye zaje gufasha kugarukana umutekano "gukorera hamwe" no kwubaha "ubuzimba bwa muntu".

Aho ni mu gihe izo nteko zitegurira guhamvya iz'u Rwanda n'iza Mozambique mu ntara ya Cabo Delgado aho zihanganye n'inyeshamba.

Ico gikorwa caronkejwe uburyo n'ishirahamwe ry'ibihugu vy'ubumanuko bwa Afrika, SADC, ubwo buryo bukaba bungana n'imiriyoni $12, amasezerano akazoja arongerwa ikiringo buri kwezi.

Abantu barenga ibihumbi bitatu barishwe nayo 820.000 bateshwa izabo n'intambara yatejwe n'abarwanyi ba ki Islamu i Cabo Delgado kuva mu 2017.

Mu kwezi guheze u Rwanda rwarungitse abasirikare n'abapolisi igihumbi muri Mozambique kurwanya izo nyeshamba, kandi kuwa Mungu abasirikare b'u Rwanda n'aba Mozambique bavuze yuko bafashe icicaro gikomeye cazo i Mocímboa da Praia.

Mu muhango wo kurungika izo ngabo ku rugamba wabaye uno munsi, Prezida wa Mozambique Filipe Nyusi yazihimirije "gukomeza imibanire n'abanyagihugu biciye mu bikorwa vy'ubugiraneza", igihe cose bizoba bishoboka.

Uwo muhango kandi wari witabiriwe n'umurongozi wa Botswana, Mokgweetsi Masisi.

Abo bayobozi uko ari babiri bari hejuru mu burongozi bwa SADC, umwe ni umukuru wayo, uwundi akaba ajejwe ivyo kwivuna abansi muri iryo shirahamwe.

Bwana Nyusi yongeyeko ati: "Muri intwari. Nka leta ya Republika ya Mozambique, ntaco tutazokora kugira tugarukane amahoro n'umutekano."