Zambia: Prezida Hichilema azoguma aba mu nzu yiwe bwite

Inzu ya Hakainde Hichilema

Ahavuye isanamu, Twitter/Hakainde Hichilema

Insiguro y'isanamu,

Inzu Hachilema abamwo yayise Comunity House

Umukuru mushasha w'igihugu ca Zambia Hakainde Hichilema ntazokwimuka mu nzu yiwe bwite ngo aje kuba ku kirimba c'umukuru w'igihugu, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru ca reta Zambia Daily Mail.

Ariko uwo yasubiriye, Edgar Lungu, we yaramaze kuva muri iyo nzu.

Uwo yahora ari umukuru w'igihugu ubu apanze inzu y'umukinyi w'umupira w'amaguru w'umunya-Zambia aba mu Bushinwa Stopilla Sunzu, nk'uko biri mu binyamakuru vy'aho mu gihugu.

Ibinyamakuru bisubiramwo ivyavuzwe n'umunyamabanga mukuru w'umugambwe wa Hichilema, Batuke Imenda, ko umukuru w'igihugu mushasha azokorera ku kirimba c'umukuru w'igihugu, ariko ko azobandanya aba mu nzu yiwe bwite, yataziriye Community House (inzu rusangi).

Ku bwa Zambia Daily Mail, Imenda yavuze ari : '' Nk'uko yabivuze imbere y'uko arahira, prezida wacu azobandanya kuba mu nzu yiwe iri New Kasama. Community House hamugwa neza gusumba. Ugereranije ivyo bibanza bibiri, inzu yiwe ni nziza gusumba."

Inkuru y'uko prezida Hichilema atazoja kuba ku kirimba c'umukuru w'igihugu ishitse um gihe Lungu, yatsinzwe arushijwe amajwi arenga umuriyoni mu matora yabaye ku wa 12 ukwezi kwa munani, yanditse kuri Twitter ubutumwa bwo gusezera, avuga ko agiye ajanye ivyo "azokwibuka vyiza'' ku gihe yamaze ku kirimba c'umukuru w'igihugu.

Ati: "Muri imyaka indwi iheze, ikirimba c'umukuru w'igihugu niho hari hasigaye arei imuhira kuri jewe n'umuryango wanje. Ariko sinigeze nishirahamwo ko hatazogera ununsi umwe nkahava,none ejo narahavuye. Ariko nahavuye numva ko njanye iteka ry'uko naterereye uruhara rwanje, nk'uko batanu b'imbere yanje babikoze."