Ethiopia -Tigray: 'Uramara igice c'umunsi kugira uterefone'

Ahavuye isanamu, AFP
Inyeshamba za Tigray na reta ya Ethiopia baragirizanya gutera akaga nuri iyo ntara
Haraheze amezi abiri umuyagankuba (amashanyarazi) , terefone, internet, banki hamwe no kwunguruza abantu vyarahagaritswe muri Tigray , intara yo mu buraruko bwa Ehtiopia.
Kuva ico gihe, biguma birushirizaho kugorana kuronka amakuru y'ingene ibintu vyifashe muri iyo ntara.
Ariko, hari bamwe bashoboye gushika mu karere kari hafi y'intara bihana urubibe ya Afar, aho bashobora kuronka umurongo wa terefone, bavuze uko bimwe bimwe vyifashe.
Ku bw'abantu baganiriye na BBC, biragoye cane guhura n'abagenzi, abo mu muryango canke kuja ku kazi.
Ubuzi burakenye, ibiciro vy'ivyankenerwa navyo biguma biduga uko bukeye uko bwije, harimwo n'ibiti, kandi arivyo bikoreshwa mu guteka. Igitoro kirakenye, bigatuma kwiyunguruza bigorana.
Umugore umwe yabwiye BBC ati ati: "Kubera ibiciro bihanitse vy'ivyo kurya kandi hakaba ubukene bw'amafaranga, abantu batunzwe no gufashanya".
"Ndafise ababanyi barya umukate wumye. Abantu benshi ntibagira ic'epfo ca ruguru kuko batagira amafaranga".
Kugira bashobore gutumatumanako, abantu bafata inzira basohoka bagana mu buseruko bw'umugwa mukuru Mekelle, kurondera ahoba hashika umurongo wa terefone.
Umugabo umwe yasiguye ingene yashoboye guterefona uwo bavukana aba mu mahanga.
"Usanga abantu bicaye hamwe ari benshi cane barindiriye guterefona.
"Abantu benshi bararindira igice c'umunsi wowe kugira bashobore guterefona. Nibaza ko kubera haba hari abantu benshi, umurongo wa terefone uca utakaza inguvu. Narindiye amasaha umunani , hanyuma ndonka amahirwe yo kuvuga nti 'Mwana wa mama, turi amarembe.'"
Kuba amabanki adakora , ntihagire kandi umuyagankuba navyo birabangamiye ubuzima bw'abantu.
Umukuru wa Ethio - Telecom, Frehiwot Tamiru, avuga ko kubera intambara bigoye ko terefone zisubira gukora.
Avugira mu kiganiro ca BBC Hard Talk ubu vuba, umukuru w'urwego rw'ubutungane muri Ethiopia Gideon Timothy yavuze ko abakozi ba kompanyi ya terefone batewe muri Tigray.
TPLF, umugambwe wahoze utwara intara ya Tigray ubu ukaba uriko urarwanya reta mpuzantara ya Ethiopia, uvuga ko iyo reta yaciye n'ibigirankana uburyo bwo gutumatumanako.
TPLF uvuga ko ariwo reta yemewe muri iyo ntara mu gihe reta yo yatangaje ko ari umugwi w'iterabwoba.