Afghanistan: Uko vyiriwe vyifashe ku wa gatanu

Isandugu y'uwahitanywe n'igitero i Kabul

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ibitero vyo ku wa kane vyaguyemwo abantu batari munsi ya 90, hakomereka abarenga 150

Niba wari umaze akanya udakurikira ivyo muri Afgnanistan, iyi ni incamake y'ingene vyiriwe vyifashe kuri uyu wa kane.

  • Ibikorwa vyo kuvanayo abarondera guhunga birabandanya ku kibuga c'indege ca Kabul inyuma y'ibitero bibiri vyabaye ku wa kane bikagwamwo abantu batari munsi ya 90, hagakomereka abarenga 150
  • Ibitaro vyo muri Kabul , bisanzwe bifise ubukene bw'abakozi kuva aba Taliban bafashe ubutegetsi haraheze indwi, vyarengewe n'ubwinshi bw'abarwayi
  • Imiryango iriko irata umutwe irondeza abayo babuzwe irengero, harimwo n'abana
  • Hagati aho, ubwo abahungishwa bashitse mw'ikambi y'indege ya Ramstein mu Budagi, vyagaragaye ko imiryango imwe hari abayo batari kumwe, abana barenga cumi bakaba ari bonyene
  • Ingabo z'Ubwongereza ziriko zirasozera igikorwa co kuvanayo abantu. Abanya-Afghanistan bari hagati ya 800 na 1,100 bari mu bashobora kwemererwa guhungishwa, bazosigarayo, nk'uko bivugwa n'isoko ryo muri reta. Hafi Abomgereza 100 gushika ku 150 nabo nyene bazosigara muri Afgnistan, bamwe ku bushakwe bwabo
  • Umuhinga w'umunyamerika mu kurwanya iterabwoba avuga ko ingabo za Amerika zitegerezwa kugenzura inkengera zose z'ikibuga ca Kabul kugira babuze ko haba ikindi gitero mu gihe ibikorwa vyo guhungisha abantu bibandanya
  • Abanyamerika bavuga ko bazohiga aba intagondwa ziri inyuma y'ibitero vyo ku wa kane, vyigambwe n'umugwi wiyita Islamic State Khorasan Province, canke IS-K

Mu yandi makuru

Ministre w'Uburusiya ajejwe imigenderanire Segei Lavrov yaneguye Uburaya ku bijanye n'ibitero vya Kabul.

Yabwiye ibinyamakuru mu kiganiro i Roma ahejeje kubonana na mugenziwe w'Ubutaliyano ati: "Hari icigwa gitegerezwa kuvanwamwo: kugerageza kujana ku nguvu indanga-gaciro zivuye ahandi bishobora kuvamwo akarambaraye", nk'uko itororokanirizo ry'amakuru Interfax risubiramwo ivyo yavuze.

"Nizeye ko abanyeporitike bariko baribaza ivyo gukora mu bindi bihugu ico cigwa bazogishira ku muzirikanyi wabo uko bazobandanya bavyibaza."

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Sergei Lavyov yavugiye mu Butaliyano

Yiyamirije ibitero aca asaba ko hoba reta bose yojamwo "imigwi mikuru mikuru yose ya politike" yo muri Afghanistan.

Yongeyeko ati ''Twebwe ikituraje ishinga n'umutekano ku mbibe zacu zo mu bumanuko, n'uwo abo ducuditse muri Azia yo hagati".

Mu gihe ibihugu vya Bulaya na Amerika vyacanacanyeko mu kuvana abanyagihugu bavyo n'banya-Afganistan bakoranye muri ico gohugu, Uburisiya ni kimwe mu bihugu bike bisa n'ibitatewe umutima uhagaze n'uko aba Taliban bafashe ubutegetsi.

Barack Obama yavuze iki?

Abategetsi b'Uburisiya bagize igihe bavugana n'aba Taliban. Reta yahahora yari ishigikiwe n'ibihugu vya Bulaya mbere yari yaragirije intumwa y'umukuru w'Uburisiya kuba ashigikiye ku mugaragaro aba Taliban , ivyo Uburusiya bwahakanye.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

"Turavunwe umutima n'ibitero vya Kabul"

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama yavuze ko yumva ''yavunywe umutima" n'ibitero vy'iterabwoba vyabaye hanze y'ikibuga c'indege ca kabul.

Obama, yarungitse ibihumbi n'ibihumbi vy'ingabo za Amerika muri Afghanistan atoranye ubwo butumwa bwo kurwanya aba Taliban kuri prezida George W Bush, yavuze ko ingabo z'abanyamerika ari ''intwari zagiye mu butumwa bubangamye kandi bwo kwitanga kugira bakize ubuzima bw'abandi."

Mw'itangazo, Obama yavuze ati: ''Nk'umukuru w'igihugu, nta kintu cababaza kurusha kugandarira abakundwa n'ababo b'Abanyamerika batanze ubuzima bwabo bakorera igihugu cacu."

Yavuze ko ababajwe cane n'imiryango y'abanyamerika n'abanya-Afghanistan yabuze abo ikunda.

''Ndafise ku mutima imiryango y'abanya-Afghanistan bapfuye , benshi muri bo babaye hafi Amerika kandi bari gukora igishoboka cose kugira babone amahirwe y'ubuzima bwiza gusumba."

Abasirikare barenga 2.400 b'abanyamerika bariciwe muri Afghanistan kuva intambara itangura mu 2001, hakurikijwe ibiharuro vya vuba vy'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.