South Africa-Covid: Umukuru w'igihugu Cyril Ramaphosa ariko avurwa Covid

Cyril Ramaphosa

Ahavuye isanamu, AFP

Umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa ariko aravurwa inyuma yo gutorwa ko yanduye Covid-19, nk'uko ibiro vyiwe bibivuga.

Uwo mukuru w'igihugu w'imyaka 69 afise ibimenyetso bidahambaye cane yishize ukwa wenyene mu gisagara ca Cape Town aho ariko aravurirwa.

Ramaphosa yatanguye kwumva ko atamerewe neza ku wa Mungu avuye mu misa yo gusabira umuzungu yabaye uwa nyuma mu gutwara Afrika y'Epfo mu bihe vy'ivanguramoko vya apartheid, FW De Klerk, muri Cape Town, nk'uko biri mw'itangazo ry'ibiro vy'umukuru w'igihugu.

Abantu bose bakoranyeko na prezida Ramaphosa bagiriwe inama yo kuguma bacunga ko ata bimenyetso biyumvako hanyuma bipimishe.

Prezida Ramaphosa asanzwe yararonse incanco zose za Covid mu kwezi kwa Ruhuhuma (kwa kabiri).

Ubu yaciye aba arahaye amabanga yiwe yose icegera ciwe David Mabuza, muri iyi ndwi iri imbere.

Uwo mukuru wa Afrika y'Epfo yari amaze iminsi ariko aragendera ibihugu vya Nigeria, Cote d'Ivoire, Ghana na Senegal muri Afrika y'Uburengero.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu bivuga ko we n'abo bari bajanye bose bapimwe Covid muri vyo bihugu vyose bagendeye. Kandi bivuga ko umukuru w'igihugu bari basanze ata Covid afise igihe yipimisha agarutse.

Iryo tangazo risubiramwo ivyavuzwe n'umukuru w'igihugu ko kuba yanduye vyotegerezwa kubera icigwa abantu bose kugira bubahirize ingingo zo kwirinda, kwikingira harimwo no kwicandagisha.

Muri Afrika y'Epfo ibitigiri vy'abandura vyaraduze cane kuva itariki 24 ukwezi kwa Munyonyo (11) igihe abahinga bayo bagabisha amakungu ko hatowe ubwoko bushasha bwa corona bwitwa Omicron.

Ubwo bwoko atawuramenya aho bwakomotse bumaze kwemezwa ko bwatowe no mu bindi bihugu hirya no hino kw'isi, ariko bwatumye hari ibihugu bifata ingingo zo kubuza ingendo zo kuva no kuja muri Afrika y'Ubumanuko, ingingo Ramaphosa yaneguye cane.