Obama yafatiye ibindi bihano Korea ya ruguru

Ahavuye isanamu, AFP
Amerika ivuga ko itazihanganira ibikorwa vya Korea ya ruguru
Umukuru w'igihugu ca Amerika, c, yashize umukono ku bindi bihano bifatiwe Korea ya ruguru inyu ay'aho ico gihugu kigeragereje kandi ibirwanisho vy'ubumara ikoresheje missile mu misi iheze.
Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu, White House, yavuze ko Amerika n'amakungu batazihanganira"Ibikorwa bitemewe vy'ibirwanisho vy'ubumara" bikoreshwa na Korea ya ruguru.
Mu gihe giheze, ibiro vy'umukuru w'igihugu vyaranebaguye Korea ya ruguru bivuga ko ikoresha abanyagihugu ba Amerika nk'ingwati mu bikorwa vy'ico gihugu vya politike.
Ivyo ni inyuma y'aho Korea ya ruguru iciriye urubanza umunyeshure w'umunyamerika rwo gufungwa imyaka 15 no gukora ibikorwa biruhisha, kubera icaha co kwononera ubutegetsi.
Ahavuye isanamu, AFP
Otto Wermbier yaremeye icaha co kwiba ico capa mu kwezi kwa kabiri
Umunyeshure Otto Warmbier w'imyaka 21, yaremeye ko yivye icapa kiriko inyandiko za politike mw'ihoteli yabamwo n'uwundi mugwi w'ingenzi mu gisagara ca Pyongyang.
Amerika yasavye Korea ya ruguru kurekura uwo munyeshure.