Abagwanyi 30 ba Al-Shabab bishwe muri Somalia

Al-Shabab

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abarwanyi ba Al-Shabab bahora bagira ibitero bitandukanye mu gihugu ca Somalia

Abategetsi ba reta ya Somalia n'igisirikare ca Kenya bavuga ko abagwanyi 30 ba al-Shabab biciwe mu bitero bibiri bitandukanye.

Abategetsi bar eta mu ntara ya Puntland bavuze ko abagwanyi 11 bishwe igihe bariko barashaka kugira ibitero mu bigwati bitandukanye biri mu nkengera y'iyo ntara.

Igisirikare ca Kenya na co kivuga ko abagwanyi 19 bishwe igihe bagerageza gutera ikambi ya gisirikare yabo mu gisagara ca Afmadhow, mu bumanuko bwa Somalia.

Umukuru w'akarere ka Nugal kari mu ntara ya Puntland, ahabereye izo ntambara, yavuze ko abagwanyi benshi ba al-Shabab, bagerageje gutera ku nkengera y'iyo ntara.

Intambara ikomeye yabereye cane mu gisagara ca Garmaal.

Ibitero vyabo vyatanguye mu gitondo ca kare, aho batanye mu mitwe bikomeye n'igisirikare ca Puntland.

Igisirikare ca Kenya na co kivuga ko abo bagwanyi bagerageje gutera amakambi y'abasirikare babo muri Somalia mw'ijoro ryo kuwa gatatu, ariko bakagwanywa bikomeye, hafi y'igisagara ca Afmadhow.

Abagwanyi 19 ni bo bishwe, hafatwa n'inkoho cumi za AK47 hamwe na grenade 3 zitatu zatewe hakoreshejwe rocket.