Drones zofasha guhangana na SIDA
Drones zishobora gukoreshwa mu gikorwa co gufasha kurwanya SIDA mu bice vyo mu gihugu hagati muri Malawi.
Igeragezwa ryazo ryamaze gutangura, aho zifasha gushikana mu bibanza vyo gupimiramwo, amaraso yafashwe ku mavuriro asanzwe.
Leta ya Malawi, ivuga ko ingwara zuririra kuri SIDA, zahitanye abana 10.000 mu 2014.
Umwana ashobora kwandura umugera wa SIDA, biturutse kuri nyina, akivuka canke mu kumwonsa.
Ariko iyo umuntu amenye uko ahagaze vuba, hari imiti ishobora kumufasha kurinda ikibondo ciwe.
Ica kabiri c'abantu bakiri bato bafise umugera wa SIDA, nibo bonyene bashobora kuronka imiti yo gupfupfahaza.
Ibipimo vya mbere mu ntumbero yo kumenya nimba baranduye, navyo bishobora guteba kubera inzira zija hagati mu gihugu zitameze neza.
Gupima abana umugera wa SIDA bitandukanye no ku bakuze kuko bisaba uburyo budasanzwe.
Muri Malawi hari amavuriro umunani gusa ashobora gupima abana mu gihugu cose, kuri benshi akagora gushikira.
Ishirahamwe Matternet ryo muri Californie, ryakoze drone iriko irakoreshwa mw'igerageza bafashanyamwo na UNICEF, mu ntumbero yo kuronsa uburyo bwihuta abakeneye kwipimisha umugera wa SIDA.