Lula da Silva azoja muri leta ya Brezil

Lula yemeye kuba umushikiranganji wa 1

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Lula da Silva

Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Brezil Luis Lula da Silva, yemeye ikibanza c'umushikiranganji muri reta ya Dilma Rousseff.

Abanywanyi b'umugambwe w'abakozi bavuga ko iryo genwa rizoha inguvu ubutegetsi bwa Dilma Roussef ubu bwayumbayumba.

Lula nk'umushikiranganji azoba afise uburenganzira bwo kumukingira.

Mu ndwi iheze, abashikirizamanza bashatse ko afatwa kubera amatohoza ku mahera yaguzwe inzu nziza cane iri ku nkengera y'ibahari.

Uwo yahoze ari umukuru w'igihugu akundwa cane yarahakanye ko yoba yarakoze icaha ico ari co cose, akavuga ko ivyo yagirizwa bifise imvo za politike.

Ari umushikiranganji, Lula arashobora kwitwarirwa muri sentare yo hejuru, bikaba bitumye aca mu myanya y'intoki umucamanza wo mu gisagara ca Cunitiba, bivugwa ko ari we ariko aragira ayo matohoza.

Lula yarahagaritswe umwanya muto mu ntango z'uku kwezi inyuma y'amatohoza yerekana ko hari ivyagiriji ko yungukiye mu biturire bivugwa mw'ishirahamwe ryimbura ibitoro Petrobras.