Uruhigi rw'abakora iterabwoba Bruxelles

Ahatewe umukwabu hugawe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Ahatewe umukwabu hugawe

Mu muji wa Bruxelles mu Bubirigi, abapolisi ni benshi mu kibanza carashwemwo inyuma yo kuhatera umukwabu.

Abapolisi batatu bakomeretse gatoyi, muri uwo mukwabu warondera abakora iterabwoba.

Umushikirizamanza mukuru avuga ko uwo mukwabu wari werekeye abakekwako uruhara mu bitero vyagabwe mu muji wa Paris umwaka uheze.

Ivyo bitero vyo mu kwa cumi na rimwe mu Bufaransa, vyahitanye abantu 130.

Abategetsi b'Ubufaransa bavuga ko n'abajejwe umutekano baho bari muri ico gikorwa c'umukwabu c'uyu munsi.

Ababibonye bavuga ko iruhande y'inyubakwa yateweko uwo mukwabu, haciye hacungerwa ubu atawurengana.

Kajugujugu y'igipolisi niyo ihazunguruka, bikavugwa ko hari abantu babiri bariko barahigwa, ubu bihishe.