Donald Trump yatsinze mu ntara zikomeye muri Amerika

Donald Trump

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Donald Trump

Donald Trump yateye intambwe mu kwegereza kugenwa guhiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu ku ruhande rw'aba republicain muri Amerika, inyuma yo gutsinda mu ntara zitatu zikomeye harimwo na Florida.

Uwo mugwizatunga wo mu ntara ya New York, yatsinze mu ntara za Illinois na Noth Carolina.

Ariko na we yatsinzwe na John Kasich mu ntara ya Ohio.

Uwuri imbere mu mugambwe w'aba democrates, Hillary Clinton, na we yongereje amahigwe yiwe mu gutsinda mu ntara za Florida, Ohio, Illinois na North Carolina.

Marco Rbio, umwe mubari bitezwe ko atsinda Trump mu mugambwe w'aba republicains, yikuye mw'ihiganwa inyuma y'aho Trump amutsindiye mu ntara yiwe ya Florida.

Mu ntara zinini zitanu, Florida, Missouri, North Carolina, Ohio na Illinois, habaye amatora yo gukuranamwo ku wa kabiri.

Donald Trump a

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Donald Trump avuga ko agiye gusubiza hamwe abanywanyi b'umugambwe w'aba republicains

"Ningombwa dusubize hamwe umugambwe," uko ni ko Trump yavuze mw'ijambo yashikirije kuri Palm Beach, muri Florida inyuma yo kuronka intsinzi.

Yiteze ko iyo nstnzi imwugururira inzira yo guserukira umugambwe w'aba republicains mu matora y'umukuru w'igihugu ca Amerika.

John Kasich, yatsinze ubwa mbere mu ntara ya Ohio, asanzwe arongoye, kuva ayo matora yo gukuranamwo atanguye.

Mw'ijambo yashikirije inyuma y'iyo ntsinzi, Kasich yavuze ko ashaka ko guca inzira y'abazovuka mu misi iza, aca arashimira Rubio ku kungene yiyamamaje.

Rubio yatangaje ko avuye muri iryo higanwa mu nama yabereye mu gisagara ca Miami inyu ay'aho atsindiwe mu ntara ya Florida. GE

Umupfasoni Hillary Clintony

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umupfasoni Hillary Clintony

Muri iyo ntara, umupfasoni Clinton yashikirije ijambo ryiwe anezererewe intsinzi yari ahejeje kuronka, aho yanebaguye Trump avuga ko abanyamerika barindirinye igishika inyishu y'ibibazo bahanganye na vyo.

Uwo bahanganye muri ayo matora, umukenguzamateka w'intara ya Vermont, Bernie Sanders, yemereye abamushigikiye mu ntara za Phoenix na Arizona, ko azoguma muri ayo matora.

Intara za Florida na Ohio, ni ngira kamaro mu mugambwe w'aba republicains, kuko uwutsinze aca ari we atwara abaserukira abandi bose.

Florida ifise abaserukira abandi 99 mu gihe Ohio ari 66.