Tanzania igiye gukura ku rutonde abakozi batabaho

Ahavuye isanamu, AFP
Prezida John Magufuli
Prezida wa Tanzania John Magufuli yategetse gufuta abakozi 2,500 bahembwa batabaho mu kazi ka reta, avuga ko bahora batwara imishahara y'umumiliyoni w'amadollars, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Citizen.
Iyi ni ingingo iherutse gufatwa na Prezida Magufuli, yatowe mu mwaka uheze, akaba yiyemeje kugwanya igiturire muri reta.
Yahaye ikiringo c'imisi 15 abategetsi bakuru kuba bakuye abao bantu ku rutonde rw'abahembwa amahera ya reta, canke abe ari bo birukanwa.
"Nshaka iki gihugu gitere imbere. Amahera tuzokwegeranya tumaze gufuta abo bakozi batabaho, azokoreshwa mu guteza imbere abanyagihugu," n'uko yavuze.