Umunyamerika apfungiwe muri Korea ya ruguru

Otto Frederick Warmbier Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Otto Warmbier umunyeshure wo muri amerika yaciriwe na sentare yo muri Korea ya ruguru gupfungwa imyaka 15

Sentare nkuru yo mu gihugu ca Korea ya ruguru yaciriye urubanza umunyeshure w'umunyamerika rwo gupfungwa imyaka 15 no gukora ibikorwa biruhisha, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya reta.

Yaciriwe urubanza ku vyaha yo kwononera reta.

Otto Warmbier w'imyaka 21, yaremeye ko yivye icapa kiriko ivyandiko vya politike mw'ihoteli yabamwo ari kumwe n'ingenzi mu gisagara ca Pyongyang.

Yafashwe mu kwezi kwa mbere ariko aragerageza kuva muri Korea ya ruguru.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Otto Frederick Warmbier

Mu nyuma yabonetse kuri television yemera ivyaha, avuga ko umugwi umwe w'ishengero wari wamusavye kuza azanye ikintu c'icibutso mu rugendo rwiwe.

Incuro nyinshi, Korea ya ruguru irapfunga abaje gutembera kugira itere igitsure amakungu ayigwanya.

Warmbier yari umunyeshure muri kaminuza ya Virginia.

Igihe yafatwa itariki 2 ukwezi kwa mbere, ikigo ca reta kimenyesha amakuru KCNA cavuze ko yari yinjiye muri Korea ya ruguru afise intumbero yo kwonona ubumwe bw'igihugu, kandi ko yahabwa amategeko na reta ya Amerika.

Avugira kuri television mu kwezi kwa kabiri, ariko ararira, yavuze ko yagize icaha co gutwara ico capa kiriko inyandiko za politike cari mu kibanza abakozi barindiriramwo mw'ihoteli ya Yanggakdo.

Yavuze ko ari ikosa rikomeye cane yakoze mu buzima bwiwe.