Uwutavuga rumwe na reta muri Niger agiye kwivuza mu mahanga

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hama Amadou avuga ko yapfunzwe kugira bamubuze kwiyamamaza
Umukuru w'abatavuga rumwe na reta mu gihugu ca Niger, Hama Amadou ari mw'ibohero igiye kuja mu mahanga kwivuza kubahinga, nk'uko reta ibivuga.
Vyari bitegekanijwe ko yitoza mu matora y'umukuru w'igihugu kuri uyu w'Imana, n'aho umugambwe wiwe uvuga ko uziyonjorora muri ayo matora.
Yavuze ko kuja mw'ibohero vyamubujije kugira imyiyamamazo.
Umuganga wiwe amukurikirana yari yahagaritswe ku kabiri, yagirizwa gukwiragiza ibinyoma, aho yari yabwiye ibimenyeshamakuru ko Amadou yajanywe mu bitaro ameze nabi cane.
Ibimenyeshamakuru vyo muri Nigeria bivuga ko Amadou aza gufata indege imujana I Paris mu Bufaransa kw'ivuza, n'aho reta itaravyemeza.
Reta ivuga ko uwo mutegetsi w'abatavuga rumwe na reta akeneye kwivuza ingwara idakira yamufashe haraciye imyaka itatu.
Prezida Mahamadou Issoufou yaronse amajwi 48 kw'ijana mu gice c'ambere c'amatora y'umukuru w'igihugu mu kwezi kwa kabiri, Amadou yaronse 17%.
Amadou yagize imyiyamamazo ari mw'ibohero riri ku birometero 180, mu buraruko bw'umugwa mukuru Niamey, aho yari apfungiwe yagirizwa kugira urudandaza rw'abana.
Arahakana ivyo yagirizwa avuga ko ari imvo za politike.