Leta y'Uburundi mu rubanza mu Bufaransa

Perezida Pierre Nkuruniza
Image caption Perezida Pierre Nkuruniza

Ikirego ca leta y'Uburundi gifatiye ku masanamu ya video yaciye kuri televiziyo yo mu Bufaransa France trois mu kwezi kwa mbere.

Ayo masanamu vyavurwa ko yafatiwe mu ntara ya Karusi, akaba yerekana umuntu ariko akeregwa izosi abona, aboheye amaboko imugongo.

Televiziyo France trois yarasavye imbabazi mu nyuma, ivuga ko habayemwo kwihenda.

Ariko uwuhagarariye leta y'Uburundi muri urwo rubanza yabwiye ko BBC ivyo bidahagije.

Maitre Arthur Vercken avuga ko leta y'Uburundi aserukira yitwariye abantu itarinze kudomako urutoke bose, kuko ngo yiteze ko ubushikirizamanza bukora amatohoza, bugakwirikirana uwo wese yagize uruhara mu kuyiharabika.

Izina ry'umushingwamanza wo mu Bubirigi, maitre Bernard Maingain, yabonetse mu masanamu ya France Trois asobanura ivy'iyo video, aravugwa mu bitwariwe.

Maitre Arthur Vercken avuga ko bitarashika ku ntambwe yo kumenya ico Uburundi bushobora kungukira muri uru rubanza.

Ngo bizova ku bushikirizamanza, ni bwamara gusuzuma ikirego, kumenya nimba gishobora kwakigwa, urubanza rukaburanishwa.

BBC iracagerageza kurondera kuvugana na Maitre Bernard Maingain.