Umuhari w’aba Kurdes, TAK, wemanze igitero ca bombe

Abahitanywe n'ivyo bitero bashinguwe muri iyi ndwi

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Abahitanywe n'ivyo bitero bashinguwe muri iyi ndwi

Mw'itangazo washize ku mbuga ngurukanabumenyi, TAK wavuze ko ari bo bagize igitero cahitanye abantu 37, ku mugwa mukuru Ankara muri Turkia.

TAK ivuga ko cari ico kwihora ku bitero vya gisirikare vyagizwe mu karere kagwiriyemwo aba Kurde mu bumanuko bushira ubuseruko.

Umuhari TAK, ishami ry'umugambwe w'abakozi wabujijwe gukora wa PKK, wari wamenyesheje ko uri inyuma y'ikindi gitero ca bombe cabaye I Ankara mu kwezi guheze.

Abateketsi muri Turkia, bagirije ico gitero PKK.

Ubudagi bwugaye ibiro vy'ababiserukira I Ankara n'I Istanbul hamwe n'ishure ririmuri ico gisagara nyene buvuga ko hari ibimenyetso ko hashobora kuba ibitero.

Ingenzi 12 z'abadagi barishwe mu gitero ca bombe c'umwiyahuzi cagirizwa abagwanyi ba Islamic State(IS) I Istanbul mu kwezi kwa mbere.

Igitero ca bombe c'umwiyahuzi akoresheje imodoka mu karere kagiwiriyemwo ubudandaji n'uruja n'uruza mu gisagara hagati.

Abantu barenga mirongo ibiri barakomeretse.