EU yumvikanye ku ngingo z’abimukira bashikiriza Turkia

Ahavuye isanamu, AFP
Ibihumbi n’ibihumbi vy’abimukira n’impunzi bamaze imisi bari mw’ikambi iri ku rubibe rw’Ubugiliki na Macedonia
Abategetsi ba Buraya bumvikanye aho bahagaze ku kibazo c'abimukira bagiye gushikiriza igihugu ca Turkia mu gutorera inyishu ico kibazo, nk'uko vyashikirijwe n'umushikiranganji wa mbere wa Luxembourg.
Xavier Bettel yavuze ko aho bahagaze hashobora kumenyeshwa umushikiranganji wa mbere wa Turkia Ahmet Davutoglu ku musi wa gatanu mu gitondo.
Muri ayo masezerano bategekanya ko abimukira bose bazoza baraja mu Bugiliki baciye muri Turkia basubizwa inyuma.
Mu kubasubiriza mu ndumane, ibihugu vya Buraya bitegerezwa guha imfashanyo y'amahera Turkia, hamwe no guha uburenganzira abanyagihugu ba Turkia bwo kuza barinjira mu karere ka Schengen ata co barinze gusabwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abimukira barenga umuliyoni ni bo bamaze kwinjira I Buraya kuva mu mwka 2015
Uwo mugambi utegenya ko k'umunye Syria wese asubijwe inyuma, uwundi munya Syria aca ahabwa uburenganzira bwo kuja kuba I Buraya ubwo nyene avuye mu makambi ari muri Turkia.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi, Angela Merkel yavuze ko Turkia gitegerezwa kubahiriza amategeko yose mpuzamakungu araba abimukira.
Yuvuze ko uburenganzira bwo kuronka ubuhungiro ku mpunzi z'abanye Syria, butegerezwa gushirwa mu ngiro imisi mike gusa, inyuma y'aho aba mbere bazoba basubijwe inyuma bavanywe mu gihugu c'Ubugiliki.
Ariko yongeyeko ko EU bukeneye kwitegura gusubiza inyuma abimukira bari mu Bugiliki bajanwa muri Turkia mu kwanka haba ibindi bintu bituma haba ukwiyongera kwabo imbere y'uko izo ngingo zishasha zitangura kuja mu ngiro.
President wa Lithuania, Dalia Grybauskaite yari yagabishije ko umugambi wo gusubiza abimukira muri Turkia "uteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu" kandi ugoye gushira mu ngiro.

Ahavuye isanamu, AFP
Umushikiranganji wa mbere wa Turkia Davutoglu
Davutoglu yavuze ko atazemera ko Turkia kiba " ibohero ry'uguruye" ry'abimukira.
Kugira uwo mugambi uje mu ngiro mu mategeko, abategetsi ba Buraya bumvikanye ko umuntu wese ashaka ubuhungiro azohabwa umwanya ukwiye wo kwumvvirizwa mu gihugu c'Ubugiliki, nk'uko umunyamakuru wa BBC, Damian Grammaticas yabimenyesheje ari I Bruxelles.
Prezida w'Ubufaransa, Francois Hollande, yagabishije ko "Sinokwemeza ko ibizovamwo bizoba binezereje", muri uko gutora inyishu.
Kuva mu kwezi kwa mbere 2015, abimukira n'impunzi umuliyoni barinjiye I Buraya bakoresheje amato bava mu gihugu ca Turkia baja mu Bugiliki.
Abarenga 132,000 bahashitse muri uyu mwaka gusa.
Abantu ibihumbi birenga mirongo ibiri barundanye mu gihugu c'Ubugiliki kubera inzira zibandanya mu buraruko zazibiwe