Abarwanyi ba Al-Shabab 200 bazungurutse muri Somalia

Intambara ikomeye irabandanya kuva ku musi wa gatatu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Intambara ikomeye irabandanya kuva ku musi wa gatatu

Abarwanyi ba al-Shabab 200 bariko baratera agace kamwe mu ntara ya Puntland, bazungurutswe n'igisirikare b'iyo ntara.

Icegera ca prezida w'iyo ntara, Abdihakim Amry yabwiye BBC ko abasirikare bategetse abo barwanyi kwishikana, atari ivyo baraswe.

Intambara ikomeye yari ikibandanya mu karere ka Suuj, kari mu mu ntara ya Nugaal ku nkengera y'iyo ntara yiyonkoye ku gihugu ca Somalia.

Abarwanyi ba al-Shabab bagiye muri ako karere bakoresheje ubwato baca barakigarurira.

Abasirikare batanu ba Puntland bivugwa ko ari bob amaze kwicirwa muri iyo ntamabara ibahuza na al-Shabab muri ako karere.

Kuri uyu wa kane, radio yigenga ya Mustaqbal yasubiyemwo amajambo y'icegera c'umushikiranganji wa mbere wa Somalia, Mohamed Omar Arte, avuga ko reta yiteguye kurungika abasirikare ba Amisom "kurwanya n'abo barwanyi ba al-Shabab mu karere ka Putland mu gihe vyoba ngombwa".