Imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Roussef muri Brezil

Ahavuye isanamu, AFP
Imyiyerekano yo kwiyamiriza reta muri Brezil
Igipolisi mu gihugu ca Brezil bateye ivyuka bikoroza amosozi mu kuzibira abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza prezida Dilma Roussef.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi, bipfuza ko atanga imihoho bagize imyiyerekano ku mugwa mukuru wa Brasilia.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Dilma Roussef na Lula da Silva
Bagiriza prezida Roussef n'umugambwe wiwe w'abakozi kurya ibiturire.
Iyo myiyerekano kandi yo kwiyamirirza Roussef yabaye mu kindi gisagara kinini cane muri Brezil, I Sao Paolo.