Ebola yasubiye kwaduka muri Guinee

Ahavuye isanamu, AFP
Ikiza ca Ebola mu burengero bwa Afrika, ni co ca mbere gikomeye muri kahise k'ivyo bihugu
Abandi bantu babiri bafise umugera wa Ebola babonetse muri Guinee, inyuma y'amezi yababa atatu, ico gihugu kigize umusi mukuru wo gutsinda ico kiza.
Abandi bantu batatu b'uwo muryango bikekwa ko boba baheruka gupfa bazize uwo mugera.
Abo bantu bavugwa mu karere ko mu bumanuko ka Nzerekore, aho ico kiza catanguriye mu 2013.
Ikiza c'umugera wa Ebola cahitanye ubuzima bw'abantu 11,300, benshi muri bo bari abo muri Guinee hamwe n'ibihugu bibanyi vya Sierra Leone na Liberia.
Abo bantu babiri bavuzwe n'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu kw'isi (OMS), amasaha make inyuma rimenyeshereje ko ingwara yarangiye muri Sierra Leone.
OMS yaragabishije ko hashobora kuza haraboneka abafise uwo mugera kuko ushobora kwinyegeza mu mubiri wa bamwe mu bacitse kw'icumu.
Abo bantu bashasha bafise uwo mugera ni incamugongo ku twigoro two kubandanya kurwanya uwo mugera wa Ebola, nk'uko bivuga n'umumenyeshamakuru wa BBC global health, Tulip Mazumdar.