Mkapa mu rugendo mu Burundi

Uwahoze ari prezida wa Tanzania Benjamin Mkapa ari kumwe na Prezida Pierre Nkurunziza
Uwuheruka kugenwa n'ishirahamwe EAC gufasha mu biganiro bihuza abarundi, prezida Benjamin William Mkapa, ari I Bujumbura mu Burundi aho yabonanye na prezida Pierre Nkurunziza.
Mu kwezi guheze Benjamin Mkapa yagenywe n'inama y'abakuru b'ibihugu vy'ishirahamwe ry'ubuseruko bwa Afrika gufasha umukuru wa Uganda Yoweri Museveni mu biganiro bihuza abarundi.
Uwo yahoze ari prezida wa Tanzania yamenyesheje ko yaje kuraba prezida NKurunziza inyuma yo kubonana n'abakuru b'ibihugu vya Uganda, Yoweri Museveni n'Urwanda, Paul Kagame.
Benjamin Mkapa yamenyesheje ko yariko arabonana n'abo bakuru b'ibihugu kugira amenye ingene ibintu vyagiye birahinduka muri iyi myaka icumi iheze.
Mkapa yabaye umukuru wa Tanzania imyaka cumi gushika mu 2005.
Ati „Murazi ko nari maze imyaka 10 ntakurikiranira hafi cane ivya politike muri aka karere kuva mvuye ku butegetsi. None ubu nagenywe gufasha umukuru wa Uganda no gukora mu ntumero y'ishirahamwe rya Africa y'Ubuseruko yo guteza imbere ibiganiro ibiganiro bihuza abarundi''.
Yavuze ko yabonanye n'abo bakuru b'ibihugu kugirango atahure neza ingene ivyo biganiro biteye n'uruhara azoba ajejwe we n'umurwi bazokorana.
Prezida Mkapa abonanye na prezida Nkurunziza inyuma y'imibonano yagiranye n'abaprezida b'Urwanda na Uganda
Mkapa yavuze ko agiye kwihweza urwo ruhara afatiye ku vyo yayaze n'abakuru b'ibihugu ati ariko „nizigiye ko amahoro n'amaragamo yaranze imyaka 10 ya mbere ya Arusha bitazosubira inyuma, nkaba nizigiye ko intureka yibonekeje rimwe na rimwe muri aya mezi aheze zizorangira''.
Nta gihe canke ikibanza Benjamin Mkapa yatangaje hobera ibiganiro.
Umukuru w'Uburundi Pierre Nkurunziza yamenyesheje ko urugendo rwiwe rwabaye akaryo ko kumubwira ingene ibintu vyifashe mu Burundi nk'uko babibwiye izindi ntumwa nyinshi zigize igihe zigendera Uburundi.
Prezida Nkurunziza ati: „ twamubwiye ko umutekano uriko uriyongera, benshi mu bahora bawuhungabanya barafashwe abandi barishikana''.
Yanamenyesheje ko yamubwiye ingene igihugu c'Urwanda „kitubaniye nabi... ntitwabihishije twabivuze''.
Amakungu yagumye asaba ko hoba ibiganiro hanze y'igihugu bihuza abegwa n'ibibazo vya politike mu Burundi bose .
Umuhuza Yoweri Museveni yuguruye ivyo biganiro ku wa 28 ukwezi kwa 12 umwaka uheze, ariko kuva ico gihe ntakirakurikira.