Igisasu catewe Istambul cahitanye 4

Polisi yanyarukiye ahaturikiye igisasu muri Istambul Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Polisi yanyarukiye ahaturikiye igisasu muri Istambul

Igiitero cagabwe mu muji Istambul muri Turkiya cahitanye abantu bane abandi bagera ku 40 barakomereka.

Ibinyamakuru vyo muri Turkiya bivuga ko mu bapfuye harimwo ingenzi z'abanya Israel batatu hamwe n'abanya Irani bane.

Nta wuriyitirira ico gitero kugez'ubu, cabaye kw'ibarabara ririmo amaduka rigenderwa n'abantu benshi.

Mu ndwi iheze igisasu ikindi gitero nk'ico cahitanye abantu 37 mu murwa mukuru Ankara, naho mu kwezi kwa mbere Istambul nyene ikindi gitero bikekwa ko cagabw ena IS gihitana ingenzi 13.

Mu kwezi kwa cumi umwaka uheze, abantu barenga 100 barishwe mu biterio bibiri vyagabwe icarimwe.

Perezida Recep Tayyip Erdogan avuga ko abakora iterabwoba bakomeza kwizizira abanyagihugu ataco bazira kubera bananiwe intambara n'abajejwe umutekano.