Ifatwa rya Abdeslam ryakabuye iyindi mikwabu

Ubu jandarume w' Ubufaransa - umwe mu bagize imirwi isuzuma imodokari n' ingenzi kw'ibarabara riva Bruxelles rija i Paris. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abajejwe umutekano barongerejwe kuva ibitero vy'i Paris biabye

Ubufaransa bwongereje igitigiri c'abacungera umutekano ku mbibe inyuma y'ifatwa rya Salah Abdeslam mu Bubirigi.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa Bernard Cazeneuve yavuze ko abongerejwe bazosanga abapolisi barenga 5000 bamaze kuja muri ico gikorwa kuva habaye ibitero vyo mu kwa cumi na rimwe.

Igipolisi mpuzamakungu casavye ibihugu vya Bulaya kurikanura, kubera abakekwa bashobora kurondera guhunga

Abdeslam, yari amaze amezi ane yihishe, umushikirizamanza wiwe avuga ko ariko aragamburukira ubutegetsi.

Ububirigi bwagirije Abdeslam ivyaha vy'iterabwoba,

Yafashe ingingo yo kuburana ku ceemzo co kujanwa mu Bufaransa, urwo rubanza rugashobora gutwara amezi ane

Ku munsi wa gatandatu, umushikirizamanza wo mu Bufaransa yavuze ko Abdeslam yemeye ko yashaka kwituritsa mu gihe c'ibitero vyo mu muji wa Paris kuwa 13 z' ukwa 11 umwaka uheze, mu nyuma akaza kwisubirako

Ibisasu vyaturikijwe no kurasa, mu bitero vyemanzwe n'umurwi IS, vyahitanye abantu 130 abandi benshi barakomereka.

Bikekwa ko Abdeslam yoba yaciye ahunga gatoyi inyuma y'ivyo bitero, agaruka mu karere ka Molenbeek mu muji wa Bruxelles.

Uyu musore w'imyaka 26 afise akabira k'Ubufaransa, yavukiye mu Bubirigi, ari mu mvuto mu Bubirigi aho acunzwe cane inyuma yo gufatwa bitoroshe.

Abajejwe gukora ipererza bizeye ko Abdeslam, yarashwe mu kuguru mu mukwabu wo kumufata, ashobora guhishura amabanga ajanye n'abakorana n'umurwi IS, aho bakura amafaranga n'imigambi yabo, ndetse n'abateguye ibitero vy'i Paris.

Bibaza ko yoba yarafashije mu gutanga uburyo, harimwo gufatira ivyumba vy'uburaro no kunguruza n'imodokari, abagavye igitero co kuri stade y'i Paris.

Salah Abdeslam yafatiwe nko ku metero 500 z'inzu yiwe muri Molenbeek.

Uwo bavukan, Brahim, yari mu bagavye igitero ca Paris, yariturikije.

Uwundi yafatiwe rimwe na Salah Abdeslam ku munsi wa gatanu, Monir Ahmed Alaaj, nawe yagirijwe icaha co kugira uruhara mu bwicanyi bw'iterabwoba nk'uko bivugwa n'abashikirizamanza.

Hari n'abandi bantu batatu bo mu muryango wiwe bafashwe mu mukwabu wo kuwa gatanu.

Abo barimwo Abid Aberkan, avurwa ko ari umugenzi wa Abdeslam, yerezwe uruhara mw'iterabwoba no gucumbikira inkozi z'ikibi.

Uwundi ni uwuzwi kw'izina rya Djemila M, yarezwe gucumbikira inkozi z'ikibi , ariko we abashikirizamanza bakavuga ko atari mu bagavye ibitero

Nyina wa Abbid Aberka, Sihane, we yarekuwe kandi nta caha kimwagira.

Uwo mukwabu watewe inyuma yo kubona amakanda y'intoke za Abdeslam ku yindi nzu yo mu muji wa Bruxelles ku munsi wa kabiri.

Abashikirizamanza bavuga ko Alaaj yafatanye urugendo na Abdeslam baja mu Budage mu kwezi kw'icumi umwaka uheze, igihe yafatwa amakanda y'intoke mw' isuzumwa ry'ibibaranga ku rubibe.

Ku munsi wa kabiri hafashwe igitabu c'inzira ca Alaaj ca magendu citwa ko catangiwe muri Syria, kumwe n'impapuro zimuranga z'Ububirigi ziriko ayandi matazirano, mu nzu yqatewemwo umukwabu mu gace ka Forest ku munsi wa kabiri.

Kumwe n'ivyatewe kuri stade de France, ibindi bisasu vyaturikijwe i Paris no kurasa abantu bari mu giteramo ca Bataclsan no mu mazu y'uburiro ahegereye.

Abategetsi baratoye imyirondorro w'abandi bakirinderwa bashobora kwagirwa n'icaha.

Perezida Francois Hollande avuga ko hari n'abandi bashobora gutabwa muri yompi.

Abenshi mu bakekwa baguye mu bitero canke mu mikwabu y'igipolisi yabikurikiye.