Amatora mu bihugu 6 vya Afrika

Ahavuye isanamu, AFP
Ibihugu 6 biri mu matora birimwo Zanzibar yasubiyemwo
Mu bihugu vya Congo-Brazzaville, Niger na Benin biri mu matora y'umukuru w'igihugu, nayo muri Zanzibar basubiyemwo amatora yo mu kwezi kwa cumi umwaka uheze batumvikanyeko.
Muri Cape Vert ho bari mu matora y'abashingamateka, mu gihe muri Senegal bari muri kamarampaka kw'ihindurwa ry'ibwirizwa nshingiro.
Mu bishaka guhindurwa muri iryo bwirizwa nshingiro harimwo kugabanya ikiringo umukuru w'igihugu amara ku butegetsi, kuva ku myaka indwi kikaja kuri itanu.
Muri Congo ibwirizwa nshingiro ryanditswe mu mwaka uheze, kugirango perezida Denis Sassou Ngweso amaze igihe kirekire ku butegetsi yemererwe kwitoza.
Yategetse amashirahamwe abiri makuru mu atanga imihora y'itumanatumanako, kwugara iyo mihora kuri za terefone na internet mu gihe c'amatora ku mvo z'umutekano.