Isanganya ryahitanye 14 muri Espagne

Ahavuye isanamu, AP
Isanganya ryabereye hafi y'igisagara gito ca Freginals
Bimaze kumenyekana ko abagera kuri 14 mu bantu bari muri bisi yari mw'ibarabara rya Barcelona - Valencia basize ubuzima mw'isanganya.
Iryo sanganya ryabereye kw' ibarabara riva Barcelona rija muri Valencia mu gitondo ca kare.
Iyo bisi yarimwo abantu 52 bari bavuye mw'isabukuru muro Valencia.
Iryo barabara ryabereyeko isanganya ryaciye ryugagwa igihe abajejwe gutabara bagerageza gukura abantu muri iyo modokari yamenaguritse.