Bwalya yatsinzwe na Kamanga kuyobora FA ya Zambia

Kalusha Bwalya

Ahavuye isanamu, FRANCK FIFE/Getty images

Insiguro y'isanamu,

Kalusha Bwalya

Kalusha Bwalya yatakaje umwanya wa perezida w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Zambia (FAZ) atsinzwe n'umurwizatunga Andrew Kamanga.

Kamanga yatsinze ku majwi 163 kuri 156 ya Bwalya mu gihe bamwe bibaza ko atashobora no kumuhangara.

Bwalya, yigeze gutsindiura ikibanza c'umukinyi wa mbere w'umupira w'amaguru wo ku mugabane wa Afrika, mu 1988 , yinjiye muri FAZ nk'icegera ca perezida wayo mu 2004., inyuma y'imyaka ine atorwa kuyiyobora.

Yari amaze kuyobora ibiringio bibiri iryo shirahamwe, ubu akaba yarondera.

Yatwaye igikombe ca Africa Cup of Nations, mu 2012.