Umutekano wongerejwe muri Zanzibar

Bitegekanijwe ko ivyavuye mu matora mw'izinga rya Zanzibar bimenyekana uyu musi.
Insiguro y'isanamu,

Bitegekanijwe ko ivyavuye mu matora mw'izinga rya Zanzibar bimenyekana uyu musi..

Umutekano uracungerewe bikomeye mu kibanza haza gutangarizwamwo ivyavuye mu matora yasubiwemwo mw'izinga rya Zanzibar.

Imbwa zijejwe gucunga umutekano na zo nyene bazizanye kwinukiriza ico kibanza, aho umukuru w'akanama kajejwe gutegura amatora muri Zanzibar, Selim Jecha Selim vyitezwe ko atangarizamwo ivyayavuyemwo.

Ako kanama ntikaramenyesha isaha kaza gutangura kuvuga ivyavuye mu matora.

Uwo arongoye ako kanama, yaranebaguwe cane n'abatavuga rumwe na reta kuba yarafuse ivyari vyavuye mu matora yo kw'itariki 25 ukwezi kw'icumi.

N'aho banse kuja muri ayo matora yatunganijwe bushasha bavuga ko adakurikije amategeko, umugambwe w'abanmyagihugu CUF, wari ku rutonde rw'abitoza mu ico gikorwa cabaye ejo.

CUF bavuze ko ayo matora atemewe.

Igitigiri cabitavye amatora yo kuri uyu w'Imana cari gito cane.

Insiguro y'isanamu,

Ahaza gutangarizwa ivyavuye mu matora

Igitigiri c'abiyandikishije gutora mw'izinga rya Zanzibar ni 503,860, nk'uko bimenyesha n'akanama kajejwe gutegura amatora muri iryo zinga.

Hari abitoza 14 ku rutonde rw'abashaka kwitoza, ayo na yo akaba ari aya: